Willy Nyamitwe Avuga Ko Icegeranyo FIDH Iheruka Gusohora Ku Burundi Kirimwo Amakosa.

0

Mu gihe shirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH riheruka gusohora icegeranyo ku Burundi kivuga giti Uburundi ku nkombe y’imanga”, aho iyo raporo yavuze vyinshi ku bijanye na Leta y’I Bujumbura ko hashobora kwiyongera Ubukozi bwikibi, maze FIDH igasaba ko abakora amatohoza bigenga boringikwa mu Burundi kugira bakore amatohoza yigenga, mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi siko babibona.

Willy Nyamitwe

Mu kiganiro caciye kuri Television ya France 24, Umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, yiyamirije yivuye inyuma ibivugwa muri raporo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu FIDH riheruka gusohora ku Burundi.Willy Nyamitwe yamenyesheje ko iryo shirahamwe FIDH risohora icegeranyo “kiza gusa kivuga nabi intwaro ihari ubu mu Burundi”.

Willy nyamitwe amenyesha ko uko ibintu vyifashe ubu ko vyateye imbere kuva habaye amagume muri Rusama 2015. Ikivyemeza, nkuko willy Nyamitwe abimenyesha, ijambo ‘ihonyabwoko’ ryagarutse incuro zirenga 70 muri raporo ya FIDH 2016, ariko ko muri raporo iheruka iryo jambo rikaboneka hake cane. Willy Nyamitwe arababazwa cane n’uko Urwanda rutavugwa mu “ruhara” rwagize mu guhungabantya umutekano w’uburundi.