UBM News ads

Ntimusamazwe n’abantu nka pacifique Nininahazwe-Prezida Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida Ndayishimiye arakebura abarundi kudasamazwa n’abansi b’igihugu nka pacifique Nininahazwe atakindi bakora atari kwereka abarundi Inzara n’ivyo babuze.

Agira ati:”pacifique mu magume ntiyarya neza natwe turwaye kwashi?yarigeze arwara kwashi?ko atabivuze kirya gihe yariko ararya neza?”.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye arakebura abarundi kudasamazwa n’abansi b’igihuhu bashaka kuguma basubiza abarundi inyuma,bakabereka ko bashonje bafise ivyo babuze.

Atanga akarorero k’umukuru w’ishirahamwe FOCODE azwi cane ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burundi Pacifique Nininahazwe aho amwagiriza kugumura abarundi mu kubereka ko bashonje bafise ivyo babuze.

Yishimikije igitabo bibiliya yatanze akarore mu gitabo c’abacamanza mu bice 3 aho Imana yabwira abisiraheli ko abansi babo bazogumaho kugira babibutse iyo baciye kugira n’abana batamenye indwano uko yagenze baze babimenye ariko agasaba abarundi kutiyanjajwako.

Agira ati:”nico gituma mubona abantu nkaba pacifique atakindi bababwira atari raba iki,mubuze iki”.

Prezida Ndayishimiye avuga ko mu gihe c’amagume bobo bari batunze,bahaze mu gihe ba Ndayishimiye nabo bari kumwe mu guhabuza démocratie bari bashonje.

Agira ati:”pacifique mu magume ntiyarya neza natwe turwaye kwashi?yarigeze arwara kwashi?ko atabivuze kirya gihe yariko ararya neza?”.

Prezida Ndayishimiye akaba aremesha abarundi abizeza ko uburundi bugiye gutunga hamwe isi yose izoza kunezerererwa uburundi.

Ibi akaba yabivugiye mu ntara ya Burunga mu gihe yari aramutse ashikirriza musitanteri mushasha wa komine rutana ku musi w’ejo igenekerezo rya 15 gitugutu 2025.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments