UBM News ads UBM News ads
Sunday, May 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Kenya: Abamaze gupfa kubera kwisonzesha maze ngo babonane na Yesu barenga 200.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihugu ca Kenya , igitigiri c’abantu bayoboka umupasitori yitwa Paul Nthenge Mackenzie bapfiriye mw’ishamba rinini rya Shakahola kubera kwisonzesha maze babonane na Yesu, kigeze ku 201. Ni inyuma yaho kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama 2023 hatorewe ibindi biziga 22.

Nkuko tubikesha iradiyo y’abafaransa RFI, Imiryango itari mike ifise ababo ariko itazi iyo bari iguma ija mw’iryo shamba kugira ishobore kumenya amakuru ko boba bapfiriye mw’ico kibanza canke bakiriho. RFI ikavuga ko Umuryango utabara imbabare Croix-Rouge ukorera mu gihugu ca kenya umenyesha ko umaze kwandika igitigiri c’abantu 600 babuzwe irengero .

Ibipimo vyerekana icishe umuntu bita mu rurimi rw’igifaransa “autopsie” bikaba bimaze gukorwa ku biziga birenga ijana bimaze gutorwa. Inyishu za mbere z’ivyo bipimo zerekana ko abantu batari bake bishwe n’inzara. Abandi muri bo bagizwe ahanini n’abana bakaba bapfuye banizwe hamwe no kwicwa bakubiswe. Imiryango y’abo bayoboke ba pasitori Mackenzie basabwa kuza gukoresha ibipimo vya ADN kugira haboneke umwidondoro w’ibiziga bimaze gutorwa.

Tubamenyeshe ko amatohoza akibandanya k’ubwo bwicanyi bwo mw’ishamba rya Shakahola . Abantu 26 harimwo umupasitori yararongoye ishengero ryasengeramwo abo bantu bapfuye nawene akaba yarahagaritswe ubu akaba apfunzwe.Ipfungwa rya Paul Nthenge Mackenzie rikaba ryongeweko imisi 30 n’ubutungane bw’igihugu ca Kenya hari kuwa 10 Rusama 2023.

Kubw’ubwo bwicanyi bw’I Shakahola, Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto aheruka gushinga umurwi ujejwe gutohoza kuvyatumye urupfu rw’abantu nkabo rushika mw’iryo shamba rinini rya Shakahola.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments