UBM News ads

Pacifique Nininahazwe yemanze ko ashigikiye umuhari Red Tabara ! Abasaba gukorana inguvu kugira abarundi bose babiyumvemwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Pacifique Nininahazwe ati: Wanashima je Niyombare ndamuvugisha, turavugana kenshi.” Muri make aremanga ko ari abagenzi, kuko ntamuntu mwovugana kenshi mudafitaniye ubucuti, imigambi yose mibi Niyombare afitiye igihugu c’Uburundi , ubwo ntawohengeshanya kuvuga ko bayitegurana na Pacifique.

Mukiganiro Pacifique Nininahazwe aheruka gukora , asaba Red Tabara ko bokora uko bashoboye kose kugirango abantu bose babiyumvemwo kwari ababo, kandi ngo arazi neza ko bazoshigikirwa, Namba mwarumvirije neza kirya kiganiro ca Pacifique , mwarumvise aho ahagaze! Vyukuri Ntakorera Societé Civile nkuko abivuga, ubu akorera Red Tabara ariko kandi biraboneka ko ashigikiye umuhari wa M23 !

Kubantu mutabizi, Red Tabara n’akagwi k’iterabwoba kubwoko bumwe gashaka gutera Uburundi mu kwica abanyagihugu, dukwiye kuvira hasi twese tukabiyamiriza, RED Tabara ntaho izoshika atari kwicisha Abana b’Uburundi gusa!! Ndabarahiye nta ntambwe izotera kuko n’Abayigize ntibasangiye Intumbero. Abantu nkabo rero jewe sinobashigikira nagato.

Mu 2021 Red Tabara yagavye igitero ku kibuga cindege hamwe no mugisagara ca Bujumbura aho bishe abantu 5 , hanyuma bakomeretsa abarenga 50

Itariki 23, kigarama mu 2023 , Red Tabara yagavye igitero mu gace ka VUGIZO aho bagandaguye bunyamaswa Abanyagihugu 20 !

Itariki 25, ruhuhuma mu 2024 , Red Tabara yagavye ibitero mu gace ka Buringa aho bishe abanyagihugu 9.

Reka ndabisubiremwo, Uno mugwi w’iterabwoba, ntakeza wipfuriza abarundi kandi ukwiye kuranduranwa n’imizi, ntidukeneye imigwi iza kwica abanegihugu ataco ibaziza! Umurundi wese akunda igihugu akwiye guhaguruka akiyamiriza zino ntagondwa harimwo nabo ba Pacifique babashigikiye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments