UBM News ads

Aho kubaha uduhera twabo,yabahanishije kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe Acat-burundi ritera akamo leta y’uburundi guhana abatanze igihano co kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru ku basirikare barenga 500 bishuje uduhera twabo bakoreye muri somalia na RDC

Gen Prime Niyongabo ari mu batungwa agatoki mw’inyuruzwa ry’ayo mafranga,bagisaba uduhera twabo yabahanishije kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru.


Mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kurwanira ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-BURUNDI ryiyamiriza igihano giherutse gutangwa ku basirikare b’uburundi barenga 500 co kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru mu gihe bari bagiye kubaza umukuru w’ingabo z’uburundi Gen Prime Niyongabo iyo amafranga bakoreye muri somalia na RDC yarengeye.

Mw’ishirahamwe Acat-burundi bemeza ko ivyo abo basirikare bakorewe ari ihohoterwa rikomeye mbere iki gihano kikaba gisuzugura ingabo z’igihugu.

Nkuko vyemezwa n’umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ACAT-BURUNDI Anitha gateretse,abategetsi mu gisirikare barenze amategeko yubahiriza agateka ka zina muntu n’ayagenga akazi ibiheza bikerekana ishusho mbi y’inzego zo kwivuna abansi mu Burundi.

Acat-burundi rigasaba leta y’uburundi guhana hisunzwe amategeko abatanze ico gihano ku basirikare b’igihugu co kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru.

Umukuru w’ingabo z’uburundi Gen Prime Niyongabo aratungwa agatoki mw’inyuruzwa ry’ayo mafranga.

Gufata nabi ingabo z’igihugu zirara zikanuye kugira umwenegihugu aryame asinzire,imbibe z’igihugu zigacungerwa neza,abategetsi bakaryama ataco binona hama ugaca umwiba uduhera yakoreye mu kazi kagoye ugatako ukamuhanisha kuzunguruka uburundi bwose n’amaguru ntaho uba utandukaniye n’umwicanyi mu bandi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments