Ibiro Vy’Umuhuza mu Biganiro Bihuza Abarundi Vyamenyesheje ko Ibiganiro Bigiye Gusubira Gutangura Muri Mukakaro.

0

Inyuma y’aho Umufasha mu biganiro bihuza abarundi, Benjamin Mkapa, ananiriwe no gushitsa isango yihaye ryo kuba yarangije ibiganiro bihuza Abarundi muri Ruheshi 2017, ibiro vyiwe vyasubiriye kumenyesha ko ibiganiro bihuza Abarundi bigiye gusubira gutangura muri uku kwezi turimwo kwa Mukakaro 2017.

Macocha Tembele, Icegera ntayegayezwa mu biro vy’Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi ariwe Benjamin Mkapa, yamenyesheje mu kiganiro n’abanyamakuru i Arusha muri Tanzania, ati : « Turiko twitegura gusubira gutangura ibiganiro bihuza Abarundi muri uku kwezi kwa Mukakaro. Vyose birateguye, kiretse ibibanzwa kwemezwa gusa. Hanyuma tuzotanga ubutumire ku begwa bose n’ibiganiro bihuza Abarundi. Ariko ntidushobora kuvuga amatariki ku bimenyeshamakuru imbere yo kuyabwira abo vyega ».

Haraheze amezi menshi ibiganiro bihuza abarundi bisa n’ivyapfuye bisanye nuko Leta y’i Bujumbura idashaka kwicarana ku meza imwe y’ibiganirro n’abo yita abatavuga rumwe nayo ‘b’intangondwa’( Opposition radicale), bakagirizwa kandi niyo Leta y’i Bujumbura ko bagerageje guhungabanya igihugu mu guhirika Ubutegetsi bikanka mu mwaka wa 2015.

Pierre Nkurunziza(i Bubamfu) na Benjamin Mkapa( i Buryo)

Ighe yaheruka mu gihugu c’Uburundi muri Kigarama 2016, Benjamin Mkapa yari yatanze isango ntarengwa ko ivyo biganiro bihuza Abarundi vyorangiye muri Ruheshi 2017, ibitahavuye biba nkuko vyari vyitezwe.

Nkuko ibiro vy’Umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi bibimnyesha,ukutubahiriza ikirangamisi c’ibiganiro vyokwegekwa ku begwa bose n’ikibazo c’Uburundi. “Twebwe, twari twiteguriye kubasha gutorera umuti ingorane barimwo. Ariko bo, baranse kwicara hamwe ku meza y’ibiganiro. Iyo niyo mpamvu imwe yagiye iravurwa, hamwe n’Ubutegetsi canke abatavuga rumwe nabwo” , niko Tembele yashimitse avuga.

Nkuko abihweza ibintu n’ibindi babona ibintu,leta y’i Bujumbura iha agaciro cane ibiganiro bibera mu Burundi biyobowe n’umugwi ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi CNDI(Commission Nationale du Dialogue Inter-burundais), umugwi ucontororwa ukongera ugahabwa uburyo na Leta y’I Bujumbura. Uwo mugwi nawo ukaba utemerwa n’abatavuga rumwe na Leta na rirya uheruka gusohora icegeranyo wakoze kivuga ko abarundi benshi bipfuza ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyohava.