President wa leta zunze ubumwe za America ” Donald Trump ” mwaka gatondo avyukanye ishavu ridasanzwe aho yidogera ibihugu bigize NATO .

Donald Trump avuga ko ivyo bihugu ataco vyakoze na kimwe kugira bifashe Amerika mu ntambara iriko iraba hagati yabo na Iran, ubwiwe agira ati: Turiko turarwana na Iran, ariko abagenzi bacu ntibariko baradufasha, kandi ivyo ntituzovyibagira.
Ntawuhakana ko USA ari igihugu gikomeye cane kwisi , ariko niwibaze impamvu bakeneye NATO , kuki USA yahinduye imvugo Kuri Iran , aho kugeza ubu biboneka ko bipfuza ibiganiro ! Iran yo kurundi ruhande ivuga ko atabiganiro biriko biraba hagati yabo na America !Donald Trump mumisi iheze yahaye Iran amasaha 48, arasubira abongera imisi 5, ubu naho yabongeye imisi 10 ” nukuri Iran barazi ivyo barimwo! Mbibutse ko USA ubuzima bubandanya kuzimba !





Recent Comments