Ntibiri akagaseshwa rumuri nta nkeka uwo CNDD-FDD yita sogokuru ,umukuru w’igihugu yabonye ko ariwe ingorane zose igihugu kiriko kiramwo ari kubera intwaro mbi Nkurunziza yamuranze.
Umukuru w’igihugu vyatanguye yihakanye ko atari Samurarwa wa Nkurunziza. Aho yavuze ko Nkurunziza atari kuraga igihugu ko nticari ica se. Neva yeranye ko igihugu baba bagutoye ngo urangure amabanga y’igihugu waheza ukabisa abandi. Uravye neza igihugu si itongo bahanahana ko niryo umuntu araga.
Ntivyahereye aho, mu gikorane cabaye i Gitega Neva yerekanye ko igihugu cateye imbere Ku ntwaro yiwe. Yarerekanye ko igihugu ciyubatse mu myaka itandatu amaze atwara aho yavuze ko abarundi aravye hirya no hino ubu baba mu nzu z’ibati,banywa agacupa, abarundi bahaze ahubwo ahamagarira abantu bidoga cane cane abanyabujumbura ko boduga kuraba aho abandi bageze ko bobo ntangorane bagira.
Ejo bundi Neva yarashingamiye cane ko intwaro ya Nkurunziza yishe igihugu, ko iyo ntwaro ataco yarimaze,yarerekera abasuma. Mu Kiganiro yakoze ahaye ikimenyeshamakuru intumwa ca CNDD-FDD, Neva atariye umunwa yarerekanye ko Nkurunziza ataco yaramaze hubwo yarerekera abasuma, yerekana ko abarundi bari buzuye ubukene, mbere ko bari ni binebwe. Yerekanye ko Ku ntwaro yiwe umurundi wese arya akaryama, umufuko ufise amahera,umunwa ufise ico urya. Yashimangiye uko yasanze igihugu ari nk’umusaka.
Aremeza ko igihugu ubu giteye imbere ari naco abagumyabanga bamukundiye ko ariwe yobaserukira mu matora buca aba. Kubwiwe ngo yobataba barakunze ko ari inkerebutsi ntibari kumwemerera ko yitoza kandi. Mwico kiganiro niwe vyabonetse ko akora abandi ari ibinebwe.
Ico Neva yirengagiza ubu Hari n’abarundi bamwandikira muri WhatsApp yiwe bamwereka ko ataco ashoboye ko atakiganza ciza agira. Mu gushavu kenshi Neva yama ariko aravuga ati buca ndabivamwo namwe muze mugerageze.
Umukuru w’igihugu c’uburundi arababazwa Nuko umugwi yose ihuriza kuri Nkurunziza ko naho yoba yarakoze amabi ariko igihugu kitasubiye inyuma gushika aho Hari amahera amwe amwe ataco akigura Ku mvo zo guta agaciro. Benshi baratanganzwa n’ukuntu Neva acoza intwaro yamushizeho ko mugani wa Serapiyo CNDD-FDD ni system nimba Nkurunziza yarananiwe bananiriwe hamwe ko nawe Yari umukuru w’umugambwe.
Ubu rero imyaka ibiri iheze Neva ntiyabonetse kukwibuka Nkurunziza igenekerezo yapfiriyeko, Ku mvo z’amatora bariteze ko azohaba kandi avuge imvugo yo kwihinyuza nk’uko yama. Azoboneka atera amashurwe Nkurunziza aho yaragize igihe ivyamunaniye vyose abishira kuri Nkurunziza.
Ariko bisubiye,urwanko muri politike ruraba kandi ni ibisanzwe ico umurundi wese avuga arerekana ko mu mabi abiri babonye intwaro mbi zaranze CNDD-FDD hotuma igihe ca Nkurunziza,ibica bigora Neva kwakira mu mutima.





Recent Comments