Ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa umuti burundu kugeza aho n’uburundi buzoshorera umuyagankuba muri RDC nkuko vyemezwa n’umushikiranganji Hassan Kibeya muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu.
kubwa kibeya,Mega wate 165 niwo muyagankuba igihugu cimbura mu gihe abarundi Bose bakoresha Megawate 95.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu Hassan Kibeya arizeza abarundi ko ikibazo c’umuyagankuba kigiye gukemuka vuba mu burundi.
Hassan kibeya akemeza ko umuyagankuba uburundi bufise ubu usumba uwo uburundi Bwose bukeneye.
Uwo mushikiranganji akavuga ko ubu abarundi Bose bakoresha Megawate 95 mu gihe igihugu cimubura Megawate 165 z’umuyagankuba.
Ariko rero ikibazo kikihari akaba ari gutunganya igituro gishasha co murubirizi hamwe n’ibikorwa bijanye n’isanurwa ry’imihora myishi iriko irasanurwa,ivyo biheze umuyagankuba uzoba umusesekara ibizotuma igihugu gishorera umuyagankuba mukeya muri kongo.
Ibi umushikiranganji Hassan Kibeya akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 gitugutu 2025 mu nama nshingamateka y’uburundi.





Recent Comments