UBM News ads

Andry Rajoelina yahungiye mu burfransa.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Prezida wa Madagascar Andry Rajoelina yaraye ahungiye mu Bufransa atwawe n’indege ya Gisirikare inyuma yo kwemerewa ubuhungiro na Prezida Emanuel Macron nkuko bihejeje gutangazwa n’iradiyo y’abafransa(RFI).

Inyuma yaho imyiyerekano ikomeje muri iyi ndwi iheze ku murwa mukuru wa Madagascar Antananarivo yatumye urwaruka GENZ rufashwa n’abasirikare inyuma yo guhabwa itegeko ariko nabo bakanka kurasa abari mu myiyerekano,Andry Rajoelina yahisemwo guhunga.

Kuva ku musi wa gatandatu ntawamenye iyo yahungiye.ariko ubu vyamenyekanye ko ari mu Bufransa.

Nkuko bihejeje gutangazwa n’iradiyo y’abafransa RFI,Andry Rajoelina ari mu bufransa inyuma yo kwemererwa ubuhungiro na prezida Emanuel Macron w’ubufransa aho yatwawe n’indege ya Gisirikare.

Imyiyerekano yatanguye kuwa 25 nyakanga 2025,urwaruka rwiyamiriza ubuzima buzimvye,icikagurika ry’umuyagankuba n’amazi ariko prezida Andry Rajoelina akaba yari yasavye ko bamurindire umwaka umwe abitunganye ariko baranana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments