NEWS

Icegeranyo FIDH Yasohoye Kiza Kitabonwa Neza Na Leta Y’Uburundi.

on

Muri raporo Umuryango mpuzamakungu uharanira agateka ka zina muntu ufise icicaro mu gihugu c’Ubufaransa(Fédération Internationale des Droits de l’Homme,FIDH) wasohoye kuri uyu musi wa kabiri itariki 4 Mukakaro 2017, haravugwamwo ko Leta y’u Burundi iriko irazana intwaro y’agacinyizo( Dictature), ivangura rishingiye ku moko mu gisirikare, abatavuga rumwe na leta bakabuzwa kuvuga iryo bagona, ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro nibindi, vyose bikaza bituma Uburundi butera bwinjira mu ngorane zikomeye.

Ku kibazo c’imbonerakure cavuzweko n’Umuvugizi w’umukuru w’igihugu,Jean Claude Karerwa,FIDH yatangaje ko Leta y’Uburundi yipfuza gusubiza mu gisirikare abagihozemwo hanyuma bagasezera ku bushake, maze FIDH ikabona ari nko kurondera uburyo bwo gukoresha imyemenyerezo ya gisirikare Imbonerakure zose.

Muri ico cegeranyo ca FIDH haravugwamwo ibitigiri vy’abishwe, abahohotewe ubu bakaba bafise ubumuga n’abandi ngo bahowe ivyiyumviro vyo kutavuga rumwe na Leta ya Pierre Nkurunziza.Muri iki cegeranyo kandiharavugwamwo uruhara rw’Imbonerakure mu bikorwa vyo guhohotera abatavuga rumwe na Leta, bakanagaragaza uburyo zishobora kumenyerezwa gisirikare.

Nk’uko ikinyamakuru Jeune Afrique kibitangaza ngo FIDH ifise amakenga kwitegeko riherutse kwigwaho mu Nama Nshingamateka ryo guha imyimenyerezo ya gisirikare abahoze ari abasirikare bakaba barasubijwe mu buzima busanzwe ku bushake bwabo.FIDH isanga ari amayeri yo kurondera uburyo Imbonerakure za CNDD FDD zihabwaimyimenyerezo ya gisirikare ku mugaragaro kugira zizohore zikorwako igihe bibaye ngombwa n’Umugambwe ,mu buryo zoba ari abasoda bo kwikorako“Militaires de reserve.

FIDH isaba Sentare Mpuzamakungu mpanayaha CPI gukurikirana abagize uruhara mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi kuva muri Ndamukiza 2015, ikanasaba ibihugu bitandukanye gufatira ibihano abakekwa kubigiramwo uruhara,ikanasaba ko abapolisi ba ONU 228 borungikwa mu Burundi gucungera umutekano.

Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa Ndenzako, mu kugira ico avuga kuri iki cegeranyo, yibanze cane kuri izi Mbonerakure, avuga ko n’ibindi bihugu biba bifite ingabo zitabazwa iyo bibaye ngombwa “Militaires de reserve”,abandanya avuga ko FIDH idafise ivyemeza ko yokwerekana ko abazohabwa iyo myimenyerezo ari Imbonerakure za CNDD FDD.

Recommended for you