Tuvugane ukuri, Uyu mwana iki nico cari ikibanza kimubereye? Uyu mwana ibi bintu yoshobora gute kubifatanya n’Ivyirwa mw’Ishure? Uyu mwana akuriye muribi bintu Abavyeyi bomwitegako iki?
Bavyeyi mutanga Abana banyu bakirirwa batambira ikiza ngo bariko bigishwa gukunda Igihugu,mbere bakitwa n’Amazina ngo ni Ibiswi vy’Inkona namba Mwebwe Abantu mwacitse Ibisiga ryari? Mubatanga bakirirwa bahabwa Uburozi muminwe yabo,ejo aba bana bazobagora cane mubure aho mubakwiza!!

Iyaba ivyo birigwa bigishwa na Reverien Ndukuriyo arukwo gukunda Igihugu Abana biwe nibo baba baza Imbere y’Abandi muri Défilé kuko bobo baba bariye bagahaga!! Abana biwe bose bari mw’Ishure hariya Iburaya muri Turukiya,Abiwanyu bo ngo ni Ibiswi vy’Inkona mw’Ibarabara! Izuba ribatonore,Inzara ibice,Utuyeboyebo tubaherereko ngo bari kwigishwa gukunda Igihugu batahane Ubusa!!
None bigenda gute Abana banyu abe aribo bigishwa gukunda Igihugu,Abana babategetsi bakigishwa kucanka?? Kuba tutababona aho murivyo vyigwa bisigurako bacanka kandi n’Abavyeyi babo bacanka!! None Kuberiki bigisha Abandi kugikunda nabo bacanka?? Bavyeyi murakwiye gufatira akarorero kurabo basore bose biyita Imbonerakure bari ngaho Iwanyu,ni murabe hafi nka bose ni Abantu ataco bimariye!! Ntaco bifashije atari kwirigwa birukanga mumabarabara no kunwa Ibiyoga vyinshi bikaze no kwikakisha n’Utumotorola mumaboko!!
Ivyo n’ivyo mwipfuriza Abana banyu?? Uru Rwaruka ruriko rwicwa mu mutwe na CNDD-FDD akazoza karwo kazoba akahe?? Iri si ihonya bwenge murindi? Ivyirwa vyo gukunda Igihugu murazobishire muri Programme y’Amashure. Abana Bose bavyigishwe atagucagura uwa naka canke naka…Mudafatiye ku Migambwe ya Politique. Rabe Ingene urwaruka rwacu rufise Ivyiyumviro biciriritse kubera mwarwishe mumitwe,Aho kubigisha ivyakamaro,mubigisha ubujuju!!





Recent Comments