Nagira mvunire akagohe aba CNDD-FDD bagize Akanama k’Inararibonye eka mbere Abarundi bose,narabasavye kenshi ko 2027 namba mukunda Igihugu canke mwipfuza ko Uburundi buva aho bugeze bugashika kuyindi ntambwe y’Imbere 2027 muze murondere uwundi mu Candidat atari bwana NEVA!! kandi narababwiye ko ubu Naho mwogiha Inkandagirabitabo SHABANI w’Imuyinga mwotsinda kuko ntawe mugihiganwa mu matora!
Umugambwe CNDD-FDD urimwo Abantu atari bake b’Incabwenge kandi bafise Ijambo,none umwe vyanse Kuberiki mutohindura? Ikindi naco Igihugu Kugira gikomere gikomezwa n’Ibintu bibiri nyamukuru:
1. Igisirikare gikomeye: Nta gihugu nakimwe gikomera kitabanje gukomeza Igisirikare . Ariko mwebwe aba CNDD-FDD aho gukomeza Igisirikare c’Igihugu ahubwo mwakigize Ic’umugambwe! Umusirikare atinjiriye muri CNDD-FDD uwo ntantambwe atera nubwo yoba akomeye gute, ivyo mwibaza ko vyokwijana? Uwo mwibazako inzigo afise mumutima mwoyiterana intambwe k’urugamba?

2. Iperereza rikomeye: Iperereza ni Igikoresho gikomeye cane Ibihugu nka vyose bigenderako,nizi zi America mwumva ubukomezi bwambere zifise ni Iperereza,ariko mwebwe Iperereza ryanyu mwarigize Iryo guhiga Aba CNL gusa no kwiba Abanyagihugu, aho n’abafitaniye amadeni basigaye bishurizwa n’Iperereza( upfa kwemera ko muyo ufitiwe uzotangamwo icagatatu gusa)
Burya Imvo nyamukuru ituma muriko mutera musubira Inyuma k’Urugamba rwa RDF/M23 ahanini ni Iperereza ryanyu ryi ntakigenda. Nti muzi neza ko muhanganye n’Abantu bikomeje murico gisata c’Iperereza, Urwanda rurakomeye cane mw’Iperereza kandi rukoresha Abarundi benshi mbere bari munzego zose!! No mu Gisirikare c’Uburundi harimwo Abakorera Iperereza ry’Urwanda!! Kandi ntimuce mwibaza ngo ni Abasirikare b’Abatutsi gusa Oya n’Abahutu barimwo,
Muri FARDC hoho nibo gusa,mbere no muri FDLR barimwo bakorana n’Iperereza ry’Urwanda!
Iyo muri k’urugamba harya RDF/M23 iba Ifise amakuru yanyu yose,iba izi ibirwanisho vyanyu Vyose,iba izi umu Commanda ahagarariye urugamba n’Ingene ameze,Vyose baba babifise! Umuntu nkuyo biragoye kumutsinda!!
Fate akanya namwe mwibaze: Nta Nama n’Imwe ibera mugisirikare canke mw’Iperereza ngo hahere akanya Mutabonye Umuntu ari mububirigi ayisize ngaha kurizi mbuga Hwaniro,mwibaza ko biba vyatanzwe na Bande? None utanze Amakuru mu buBirigi ako kanya nyene ntaba ageze I Kigali??Kandi Murundi aranabivuga ati: Amakuru dukesha Isoko ryacu mu Gisirikare canke mw”Iperereza canke mu kirimba c’Umukuru w’Igihugu…..n’Ukuri ayo masoko arahari kandi ni menshi cane atanga Amakuru y’Ibanga!!! Kandi iyi niyo ntanduruko nyamukuru ituma urugamba rutagenda neza ukwo mwabitegekanije, hagaca hakurikira Ingene mutakomeje Igisirikare ngo kibe ico mugihe ca none,(Ibikoresho bigezweho,inyigisho zigezweho,….) Muri make mwarijajaye,umwansi mwasize imbere yanyu,muherezako Inguvu zanyu zose,n’umwanya wanyu wose ni RWASA kandi Murundi atanico Abatwaye!!
Igihe cose uzobaho Abantu warabaciyemwo Imirwi,Ugakundwakaza bamwe Abandi ukabakumira,ni ngombwa ugume uhura n’Ibibazo nk’ivyo!!! Ndabereke Ubwenge President Paul Kagame afise? Mu Gisirikare c’Urwanda harimwo Abahutu kandi bahoze mu Gisirikare ca Habyarimana, kandi bakoze Genocide, harimwo n’abavuye mu Nterahamwe FDLR bagiye bishikana agaca abashira mu Gisirikare c’Igihugu abo nibo bambere bafashwe neza gusumba n’Abatutsi bavuye FPR,Abana babo nibo bambere baronka ama Bource kuja kwiga iburayi,nibo bamira Muma Mission Kugira baronke Inoti,…ni ryari abo bomugambanira?Kagame arazi ico Abahutu bakunda!!
Igihe cose Igihugu kizoba kirongowe n’Umukuru w’Igihugu yize canke yakoze ibijanye n’Iperereza ni ngombwa ico Gihugu gikomere cane!! Kuko Abategetsi bakoze muvy’Iperereza baba bazi ubwenge cane,kandi baba bafise Imbono imeze neza!! Ariko atari rya Perereza ryanyu rijejwe kwiba no kuniga aba FNL gusa,rirya si Iperereza ni akarwi k’ama bandi ! Iperereza ndi kuvuga ngaha ni Iperereza nyaryo Riri Special. Nka Paul Kagame Murazi ko yize ibijanye n’Iperereza muri America,niwe yatwara Igisata c’Iperereza mu kiroberi ca Museveni, Umuntu nkuyo ni ngombwa akomere kandi akomeze ico Gisata.





Recent Comments