UBM News ads

Ese Koba ari ukutamenya ? CNDD-FDD yaraye ikoze ibidakorwa !

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

U Burundi bwaraye Bumaramaye burigishwa ivyimigenderanire mpuza makungu. kwa kundi bimenyerewe ko CNDD FDD ikijanye n’amategeko iwabo bakibika mu kabati,Hari bimwe bakora bazi n’ibindi batazi,badaha agaciro abahanuzi canke gusoma neza no gushishoza,Afrika yose iriko itwenga umukuru w’igihugu c’uburundi aho yigishijwe ko kuba umurongozi atari” navuze Mba navuze.”

Uyu mugabo Macky Sall yahoze atwara Sénégal,mu gihugu iwe abatari bake bamwagiriza amabi, ng’aho aze i Bujumbura gusaba ko Uburundi bwomushigikira mu kwitoza kuzoba uwutwara ONU. NDAYISHIMIYE atakubaza ibindi bihugu mbere n’igihugu avamwo,aba aramutanze nk’uwuzoserukira umugabane w’Afrika yose mu matora. Icatamenye canke yirengagiza i Gihugu kigezweho gutanga umukandida ni Afrika y’epfo.

Ibihugu vya SADC nkavyose vyandikiye NDAYISHIMIYE amakete ko biguye mu gahundwe bibonye ngo u Burundi bwatanze Macky Sall, benshi bamwibukije bati kuva ryari utwara Afrika. NDAYISHIMIYE rero kukwitiranya Uburundi nk’igihugu n’uwurongoye akanama k’abakuru b’ibihugu vy’Afrika, bati nk’Uburundi mushigikire ntakibazo mugabo ntuvyitirire ibihugu vyose vya Afrika. Ejo ya kandidature imwe yatanzwe n’Uburundi iza mu matora, ibihugu 34 , miringo 20 vyaranse iyo kandidature mbere harimwo n’igihugu umukandida avamwo ca Sénégal.

Iyi kandidature ntiyaciye ivaho burundu haracariho amahirwe make nk’igihe ibihugu vyo mw’ihembe ry’Afrika vyoyishigikira yoca ashirwa imbere. Twibutse ko abanyamerika bo bashigikiye uwuvuka muri Argentine ko yoyobora ONU.

Aha rero ni akanywafu ka mbere ko kwibutsa ko UBURUNDI bwitiranya ibintu,ntibayoboye Afrika si umukuru w’igihugu wa Afrika ni uwuyoboye akanama k’abakuru b’ibihugu. Ikindi ni gusoma amategeko,ahandi baciye banyaruka kutwigisha uko bayobora.Bati vyategerezwa kuba barasavye iciyumviro c’ibindi bihugu bigize umuryango. UBURUNDI Nico gihugu wogira catsinzwe ko k’umugabane ntayindi nkuru iriko ivugwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments