UBM News ads

Igitoro kiruzuye,bene ama station base kukigura-Prezida Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igitoro kibure n’ibibazo,kiboneke n’ibibazo:Prezida Ndayishimiye aragabisha bene ama station base kugura igitoro muri SOPEBU kandi cuzuye ko izo station zigiye gufatwa zishirwe muri Leta.

Ndashimiye ati:”tubahamagaye bavuga ngo ntamahera twifitiye,none bazubatse ngo tuzirabe?”.

Prezida Ndayishimiye aragabisha abafise ama station babonye igitoro kibonetse baca banka kuja kukigura muri SOPEBU kandi cuzuye.

Prezida Ndayishimiye aremeza ko igitoro ubu ari cinshi muri SOPEBU ariko bene ama station nabo base kuja kukigura ngo nta mahera bafise.

Agira ati:”tubahamagaye bavuga ngo nta mahera dufise,none izo station bazubatse ngo tuzirabe?”.

Aha rero prezida ndayishimiye akaba yagabishije bene ama station ko ingingo ruhasha zigiye gufatwa harimwo no gushira mu minwe izo station zikaba iza Leta.

Kubwa Prezida Ndayishimiye,bene ama station ngo bashavujwe nuko kibonetse kandi kare bakidandaza kuri magendu.

Ibi akaba yabishikirije ku musi w’ejo mu gihe yariko ashikiriza musitanteri mushasha wa commune Bugendana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments