UBM News ads

Intambara ya Congo n’Urwanda iriko iratuma ibihugu vyo muri East Africa bicanamwo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuryango w’Afrika y’ubuseruko, intambara yo mubuseruko bwa Congo yarabacanishijemwo. Naho biboneka ko ari u Rwanda na Congo bahanganye ariko ku mpande zose bafise ababashigikiye. Wa wundi ngo isanamu ivuga amajambo ibihumbi.
Imbere ko ugushirako umukono ku masezerano président Neva na Tshisekedi mu mubonano wanyuma mu mpanuro zikomeye.

Inyuma y’amasezerano kagame na Ruto bamwenyura. Biboneka ko bari bishimye n’ibivuye mu masezerano.
Umuryango wa Afrika y’ubuseruko ejo bundi bataravye neza aya masezerano atagiye mu ngiro azosiga umuryango habi. Uwuzohomba cane ni Uburundi. Kubijanye n’amakori azoca aba umurengera.
Tanzania iriko irwana urwayo, ariko bafata u Burundi nkuko umenga ni igihugu kitarikukira. Agasuzuguro, gutoteza abenegihugu uko bishakiye. None igihe ho tutoba tugisangiye umuryango bazokora iki ?
Twibukanye kenya na Tanzania nibo bafise ibivuko binini mu karere. Mombasa na Dar es salam. U Burundi kiretse ko turi nka bimwe ngo aho inzovu zibiri zigwaniye, ugusambuka ku muryango vyotugirako ingaruka mbi cane.

Ubwo rero abatari bake baragerageje iki kibazo kukigira icubwoko ariko politike utegerezwa nyene gukora ahabantu bagira ibishobisho. Bamwe uhereye kuri kagame ati mushaka kumara ubwoko bw’abatutsi ( Nilotique) ahatandukaniye na Tshisekedi we avuga ati si ubwoko ni nda yawe ariko bakavyigisha mu kinyegero abantu bari mubwoko bw’abahutu bati mushaka akarere mukagire empire Hima.
Ibi rero vyaciye vyegeranya ibihugu birabiye kubwoko uwutwara abarimwo.

Iterambere uravye nabi wishinze ivyo gusa usanga ryagusize. Nk’aha iwacu biravugwa ko hari naho ugiye usanga babaza icuri, ego ntibihanwa ariko hari nk’imiryango umuhungu atokwamwo ngo yemerwe. Bikorwa mugwihisho rukomeye ariko biraba nk’uko twifitiye ingabire yubwiyorobetsi. Umuhutu yagiye mw’ishamba arwanya ubutegetsi bw’abatutsi ahashitse imvugo avuga ko ivyo bitabaho vyubwoko muga muri we nabiwe babizi ko bihari.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments