Hari umugambi ugayitse uri gutegurwa wo kugandagura umushingamateka Agathon Rwasa nkuko muri iki gitondo yasimbutse umutego ukomeye abashatse kumwica basanze atari mu modoka yahora agiramwo.
Biri uko kandi mugihe ku musi w’ejo hategekanijwe urubanza rwa CNL rurimwo Rwasa Agathon n’abamunyaze umugambwe.

Kubwo amakuru dukesha n’ikinyamakuru king Umurundi Freedom hamwe na Bamwe mu babonye ingene imodoka y’umushingamateka Agathon Rwasa agiramwo yariko yirukwako n’aba polisi bashaka kumwica ariko akaba atari muri iyo modoka.
Vyose vyatanguye mu gitondo c’uno musi igenekerezo rya 24 nyakanga 2025 aho imodoka umushingamayeka Agathon Rwasa yakunda kugiramwo yajanye abana kw’ishure itwawe n’umushoferi gusa,Rwasa ntiyarimwo yari yasigaye mu rugo.
Nkuko muri king Umurundi Freedom babivuga,umushoferi agishikana abana kwishure haje umuntu yambaye yambaye civil aca afata ifoto y’iyo modoka maze arigira.umushoferi akibibona yikanze ko yoba agomba kugirirwa nabi.
Maze nk’igihe c’isaha nka 3 haje imodoka ya vox maze ihagarara hafi y’imodoka y’umushingamateka Agathon Rwasa havamwo aba polisi bamutegeka kumanura ibiyo.akibibona yahise abona ko agire yicwe maze ayakozamwo ariruka ageze muri IPA asanga ya modoka ya Vox yamutangiriye.akibibona nkuko ababibonye babivuga umushiferi yahise asubira inyuma yihuta akizwa nuko hari abantu benshi gutyo umugambi wabo uba ubaye impfagusa.
Naho ivya politike yabiretse biraboneka ko Leta Ishika kumwica.ibi bibaye kandi mu gihe ejo igenekerezo rya 25 nyakanga 2025 ariho hazoba urubanza rwa CNL rumuhuza n’abamutwaye umugambwe.





Recent Comments