UBM News ads

Olivier Nduhungirehe aremera gusaba imbabazi canke aratanga imihoho!

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Isomo rikomeye ku Bahutu bahabwa amabanga na Leta RPF ya Kagame,ryaraye ritanzwe imbere ya Minister Nduhungirehe k’Umututsikazi Scovia.

President Kagame yarerekanye neza ko ukwo bigenda kwose Umuhutu wo mu Rwanda ari hasi y’Umututsi waho. Nivy’ukuri ivyo Scovia yakoze kuri Minister Nduhungirehe ni Agasuzuguro kadasanzwe,kuko Minister w’Imigenderanire aba akomeye cane muri Leta,ariko umumenyesha makuru w’Ikinyamakuru cigenga akaba ariwe amwifatira mu gahanga agatesha agaciro ivyo Minister yashikirije.

Scovia ni umunyamakuru yigenga ariko ari mumitima y’Abanyarwanda benshi,eka n’Abarundi bavyumva kumwe. Scovia niwe munyamakuru wenyene yemerewe kugendana na RDF/M23 k’urugamba,ibi bisigura ko Scovia yizewe cane na RDF kandi azi Amabanga menshi cane y’ibibera muri Congo.

Scovia ari mu mitima y’Abatutsi bo mu Rwanda gushika no mumutima wa Paul Kagame. Olivier Nduhungirehe iyaba bikunda yotanze Imihoho,ariko ivyo ntavyo yokora mu Rwanda ngo abandanye yigenga. Birya vyaraye bishikiye Olivier Nduhungirehe,nivyo vyoshikira Abahutu bab’Abarundi umusi akarwi ka Red-Tabara gakorera kuri Idéologie y’Urwanda kofata Uburundi.

Aha rero ugiye kubiri nivyo vyiyumviro ba naka bashaka,uca witwa ko ukorana n’Iperereza! Namba mwarumvirije neza kirya kiganiro ca Pacifique mwarumvise aho ahagaze! Ntakorera Societé Civile nkuko abivuga,ubu akorera Red-Tabara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments