UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abakinyi ba Handball 10 muri 13 bari baserukiye uburundi gukina muri Croatie baranyitse maze uburundi buca bukurwa mw’iryo higanwa.

UBM News ads

Urukino rwari guhuza umurwi nserukira gihugu c’uburundi wa Handball w’abatarenza imyaka 19 hamwe n’uw’igihugu ca Bahrein ntirwabaye rukiba kuri uyu wa kane kubera ko abakinyi baserukiye uburundi mw’iryo higanwa mpuzamakungu batari bagikwiye.

Abakinyi 13 nibo bari bajanye n’umumenyereza mukuru wabo Nimubona Floribert guserukira uburundi muri izo nkino z’igikombe c’isi yose kiriko kibera mu gihugu ca Croatie . Ariko ngo mw’abo bakinyi 13, abakinyi 3 nibo basigaranye n’uwo mumenyereza ngo ariko guca ubuyobozi bwa Féderation de Handball yo mu Burundi busaba ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa Handball kw’isi (IHF) kudakina urwo rukina kubera kubura abakinyi.

Tubamenyeshe ko umurwi nserukira gihugu w’uburundi warumaze gukina inkino zitanu akaba ata nsinzi nimwe wigeze uronka. Uburundi bukaba bwatsinzwe na:Iran, Iles Féroé, Suède, Argentine, na Leta zunze ubumwe za Amerika.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments