Leta y’Uburundi irakwiye gufuta burundu umunsi wo guhimbaza intahe yo kwikukira, muti gute ?
Prince Louis Rwagasore afatwa nk’umwe mu ntwari zaharaniye intahe yo kwikukira kw’Uburundi, igihugu kikava mu bukoroni mu 1962. Ariko rero, iyo umuntu asubije amaso inyuma akihweza ivyabaye inyuma y’ukwikukira, umuntu yokwibaza nimba Abarundi vyukuri bafise impamvu yumvikana yo guhimbaza uwo musi, batarinze kubanza kwibuka amarushwa n’amaraso vyasesetse mu gihugu cabo.

Mu 1972, Uburundi bwarabayemwo ubwicanyi bw’agahomerabunwa. Raporo ya Komisiyo y’Ukuri n’Ukurekuriranira (CVR) yerekanye ko Abahutu barenga 300.000 bishwe. Igitangaje muri vyose kuva Uburundi bwakabaho imbere ko bwikukira kuntwaro yabakoroni , ntanumusi numwe higeze hicwa abantu bangana uku kose ariko inyuma yaho abakoloni igihugu bemeye kugiha Abatutsi, ni murabe ivyakurikiye , bo bihutiye guhonya abarundi bene wabo ngo nuko badasangiye ubwoko.
Ikibabaje ni uko ayo makuba atarangiriye aho. Mu 1993, Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, yari yatowe biciye mu matora ya demokarasi, yarishwe, ibi vyakwegeye abarundi benshi kuko abatari bake barishwe abandi barahunga, none vyukuri nkayo makuba yose Uburundi bwagiye buracamwo, ni iyihe mpamvu yotuma dutamba tugatarika ko twikuye mubukoloni?
Mbega kwikukira kw’igihugu birahagije, mu gihe umwenegihugu atari bwaronke umwidegemvyo wo kubaho ata bwoba, ata karenganyo kandi ata macakubiri? Jewe mbona ko Abarundi bakwiye kugira umusi bahurizako bose, bakibuka intwari zaharaniye umwidegemvyo, Umunsi wo nyene Uburundi bwari bukwiye guhimbaza no kwigina , ni Umunsi Uburundi busezera intwaro yubwoko bumwe, kira murundi akishira akizana mu gihugu ciwe, ivyo navyo uwabiharaniye ni Ndadaye Melchior.





Recent Comments