Papa General,burya Abarundi turacibuka ivyo watubwiye kubijanye na Uvira,ko binjiriye Uvira nawe uzoca mu Kirundo ugashika Kigali!! Karya kari akarimi gusa? Namba karya kari akarimi k’Ubuzima bw’Igihugu,Abarundi boca bizera gute ibikuva mu kanwa vyose?? Vyose ntibica bifatwa nk’akarimi???

Abarundi bizere gute 2040-2060 n’Ivyuyu musi bigaragaye ko ataco Uvuga ugikuye k’Umutima ahubwo bisa nkaho uba uriko ukina Ninde???
Mbe nyakubahwa ndakubaze: Burya kwugara Imipaka muhana n’Urwanda hariya za Kirundo na Cibitike biracamaze iki ko abo mwugariye ubu baba iruhande ya Bujumbura,bashatse n’umukate ko mwowusangira?
Shake mwugurure ntaco mucugariye,kuko ubu bari hafi yanyu cane, Kuko mukaguma mwugaye,ni ikibazo kubanya Gihugu gusa! Raba ndaziko muza Kwihutira kwugara Imipaka yose Muhana na Congo,ariko Igihugu kizoba gisigaranye Umuhora umwe gusa wa Tanzania. Iyo Tanzania nayo ntibabaniye neza, Abarundi gacarutse baba bacakiye no mugasho ngo baaa! None mutebe mwiyugarane nk’ifuku ga Nyakubahwa?? Abenegihugu bazobaho gute ko Ubuzima buzoca buba bubi cane!??
Ubu n’Ikibuga c’Indege ca Bujumbura Urwanda rushatse nticokora,kuko Indege iyariyoyose ntiyohagwa Ikirere ca Uvira cugaye!! Indege zose zihaguruka Bujumbura zica mugice ca kivu ku kiyaga Tanganyika,mbere nubwo batocugara,Vuba tuzumva ama Companyi amwe amwe y’Indege yahagaritse kuza mu Burundi kubera Umutekano utizewe!!
Nyakubahwa General,jewe mbona hari hageze aho ufata Ingingo ya ki Generali canke Ugafukama Ugasaba Imbabazi Paul Kagame wemere ko akurenze cane kugira Ubuzima bw’Igihugu bubandanye neza!!
Kandi ubu ya Mategeko mwahora mumushirako ngo Kugira bigende uku canke kuriya manza muduhe ba NIYOMBARE ubu ntagikora kuko ubu ntakibazo afise,ahubwo mwebwe nimwe mugifise kandi gikomeye!!! Ahubwo ubu niwe asigara abategeka ivyo mutegerezwa gukora,mwavyanka Akabasanga Ibujumbura!!
Nyakubahwa ubu musigaranye inzira zibiri zitarenga:
1.Kwemera ico mwahora mwita Agasuzuguro(mukaganira n’Abanyepolitiques bari hanze y’Igihugu+ Red-Tabara) tutibagiye Leta y’Urwanda kuko irafise ico Ibagiriza(ngo mucumbikiye FDLR) kandi iki ni icitwazo gikomeye cane kizotuma Umutekano wa Bujumbura Uhungabana!!
2. Gufata Ingingo ya Gisirikare mukarwana n’Urwanda vyeruye. ibi navyo ubu si icoroshe kuko basa nkaho babashize hagati,Kuko uhereye hariya i Muyinga ugashika Nyanza Lac Vuba nibo muzoba muhanye Umupaka! Isaganirozo ni Tanzania gusa,iyo Tanzania nayo uretse mwebwe aba DD ubwenge bwanyu ntazi Ingene bukora,Tanzania si incuti yanyu ku buryo yokwishora murizo Ntambara atanyungu ikuramwo!! Ivyo vy’amatiku mwama mwizanisha ngo za Empire HIMA bobo sivyo barimwo,bategeye k’Ubutaka bwabo gusa hama uwawakije akababona!!
Jewe nobahanura guhitamwo iyi nzira ya mbere yo kuganira n’abo Bose bafise ikibabakiye mu nyungu za politique bari hanze y’Igihugu atamaraso ya bene Burundi arinze guseseka,mugasangira ubutegetsi atagisabwe! Erega Uburundi si Itongo rya ba So mushaka kugarirako Imyaka yose!!! Ibidashobotse ku neza bishoboka ku nabi,kandi Ineza mwayanse kuva kera,Inabi nayo ngiyo igeze ku muryango w’Inzu!!!
Muravye aho Abarundi bari bageze mu kwiyubaka,nukuri murakwiye kwemera inyungu zanyu zikarutwa n’Inyungu z’Abenegihugu,ntibazire Umunoho wanyu wo gushaka kwigungirako!!





Recent Comments