UBM News ads

Ndikuriyo na Evariste Ndayishimiye hagiye kuboneka uwufise inguvu kurusha uyundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama Rukokoma y’Umugambwe CNDD-FDD yitezwe mu mpera zuku kwezi kwa mbere izosubiza Reverien Ndikuriyo Umugambwe CNDD-FDD?

Namba Reverien Ndikuriyo vyoshika akongerwa Ikindi kiringo co gutwara uwo mugambwe,kandi birashoboka ko awongerwa kuko niwe Muntu uruhande rwa Sogo rwitezeko urukiza,Uruhande rwa Samuragwa ruzoba runeshejwe cane kandi rweretswe Ikintu gikomeye!!
Nimba Reverien Ndikuriyo atokokongerwa naho,Uruhande rwa Sogo ruzoba narwo rutakaje cane vyonatuma Ruzimangana,Kuko Samuragwa nta Mahoro afise Umugambwe CNDD-FDD utararongorwa nuwo yishiriyeho bavyumva kumwe!!
Reverien Ndikuriyo si uwo guta munda nsa!uyu mugabo arakakaraye kandi kuva kera akiri k’Urugamba bivugwa ko ariko yari,si umuntu wo gutwara ukwo wishakiye,umutegeke ibi canke biriya atavyumva mumutwe. Ni Umugabo yiyemera kandi ahagarara kuco yavuze! Iki kintu aragisumvya cane President Ndayishimye,we ivyo avuze uyu musi,ejo abihindura,agafata Ingingo uyu musi,ejo ikamunanira gukurikirana ko yubahirijwe,….n’ibindi!

Iyi Nama niyo izotwereka uruhande rukomeye gusumba urundi,…..ariko jewe ndi Mutama Neva,namaze kubona ko ivyo kurongora vyananiye,nkabona abomfashije aribo bariko bananiza kandi ntanashoboye kubikurako,nta kindi Kiringo nokwiyongera kuko n’Ubundi uretse Inyungu zanje gusa ntakindi noba ngiye kumarira Abarundi!!! Abo bagabo ukwo ari batatu nibo bafise Ubuzima bw’Igihugu mumaboko yabo, babishatse mu myaka 10 Uburundi bwoba ari Igihugu rurangiranwa! Ariko ko Igirisi bayinyegeje,Reka Ivyuma bizyegane!!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments