Amasoko menshi mu bitaro vy’igitega aremeza ko Uwahoze ari umushikiranganji Wa mbere Alain Guillaume Bunyone aremvye cane mbere nubu akaba ataratora ubwenge naho hari umurwi w’abaganga bongerejwe kugira barokore ubuzima bwiwe ariko akomeza kuremba.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi Alain Guillaume Bunyoni amagara yiwe akomeza kuba mabi aho arwariye mu bitaro bikuru vy’igitega nkuko amsoko menshi abivuga.
Nkuko bamwe mubaganga b’igitega baganiriye n’ikimenyeshamakuru SOS MÉDIAS babivuga,Alain Guillaume araremvye cane mbere hakaba n’abaganga bavuye I Bujumbura baje gufasha abandi b’igitega kugira bakwirikirane amagara ya Guillaume Bunyoni.
Amasoko menshi rero aho mu Bitaro I gitega ashikiriza ko umutekano wongerejwe cane aho aba polisi n’abakorera iperereza bibonekeza ku bwinshi aho muri ivyo bitaro arwariyemwo Bunyoni.
Nkuko Umwe mu baganga baganiriye na SOS MÉDIAS Abivuga,Bunyoni ari mu cumba VIP cakirirwamwo indembe aho ariko aravurirwa ariko akaba ameze nabi yaranatakaje ubwenge.
Iryo soko nyene rivuga ko umurwi w’abaganga baturutse ibujumbura bahikanywe i Gitega kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 12 gitugutu 2025 kugira barabe ko bofashanya nabo igitega mu gukwirikirana amagara ya Bunyoni ariko bikomeza kwanka.
Bunyoni akaba yashikanywe aho mu bitaro bikuru v’igitega kuwa 9 gitugutu 2025 inyuma yaho atabarijwe n’abaserukira amashirahamwe ya société civile,umwe muri bo akaba ari umutama Petero claver Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe APRODH.





Recent Comments