Inama Nshingamateka Ya Buraya Imenyesha Ko Ihagaritswe Umutima N’Uko Ivya Politikie n’Umutekano Vyifashe Mu Burundi.

0

Mu nteguro y’itegeko ryatowe ku musi wa kane itariki 06 Mukakaro 2017, Inama Nshingamateka ya Buraya iriyamiriza “ibikorwa vyo guhohotera, ubwicanyi hamwe n’ayandi mabi aza ahonyanga agateka ka zina muntu akorwa mu Burundi n’abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure ».

Abo bashingamateka b’i Buraya barababazwa nuko leta y’Uburundi yamaze gushiraho itegeko rituma Uburundi bwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Bakaba bahamagarira Leta y’uburundi kwisubirako maze bagakorana neza na CPI.

Mu kiganiro caciye kwijwi rya Amerika, abo bashinagamteka batowe b’I Buraya bakaba basaba ko Uburundi bwokwubahiriza integuro y’itegeko 2303 ry’Inama y’umutekano ya ONU hama Uburundi bukareka ko abapolisi ba ONU baza gucungera amahoro n’umutekano mu burundi.

Abashingamateka ba Buraya barashimika cane ko bashigikiye uguserura iryo umuntu agona yisanzuye, kandi bakaba banezerezwa n’uruhara amashirahamwe ategamiye leta yakoze, abashingwamanza, amashirahamwe aburanira agateka ka zina muntu hamwe n’ibinyamakuru. Bakaba basaba leta y’Uburundi gukuraho inzitizo zose kuri ayo mashirahamwe hamwe no gusubira kuraba neza uko amashirahamwe atari aya apolitike mvamakungu akora. Abo bashingamateka bakaba biyamiriza uko izi ngorane Uburundi zirimwo zigirwa izishingiye ku moko.

Inama Nshingamateka y’i Buraya ikaba isaba ko « imigwi igwana( milices) yokwakwa ibigwanisho, kandi abo bashinagamateka bakaba barajwe ishinga n’itegeko leta y’Uburundi iheruka gushiraho ryemeza ko hajaho abitanga bagahabwa imyimenyerezo maze iyi « migwi » ikemerwa mu gihugu. Bakaba bahamagarira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gushigikira abariko baragira uruhara bose mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi, kandi bakaba bahamagarira abo bose babifsemwo uruhara gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zashizweho n’umuhuza mu biganiro vy’abarundi,Benjamin Mkapa.

Abo bashingamateka kandi ba Buraya bakaba basaba, bafadikanije n’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ko hotangwa umuco uko amahera atangwa ku basoda baja kugarukana amahoro muri Somalia AMISOM. Babona ko kugira habe imigendetanire myiza hagati y’Uburundi na UE, abategetsi b’Uburundi bategerezwa gushira mu ngiro vyose basabwa mumasezerano ya COTONOU.

Ivyo biri uko mu gihe Ishirahamwe ry’Ubuwme bwa Buraya ryasohoye itangazo rivuga yuko ibihano vyafatiwe Uburundi vyogumizwaho ;Abategetsi b‘Ubutrundi bobo bakavuga ko Uburundi ‘bubayeho ata mfashanyo y ‘abanyaburaya’ ; ariko abandi bakavuga ko leta y’Uburundi yokwemera ivyo isabwa maze abanyagihugu batobato ntibabandanye bahagirira ingaruka mbi na cane cane mu vy’Ubutunzi.