UBM News ads

Indwi 3 gusa umuyagankuba ntuzoba ugicikagurika-Albert Manigomba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Albert Manigomba arongoye ishirahamwe REGIDESO yizeza abarundi,umukuru w’igihugu ko inyuma y’indwi 3 gusa umuyagankuba utazosubira gucikagurika kubera ibikorwa vy’ubuhinga biriko birabera kugituro gishasha c’umuyagankuba kiri mu rubirizi bizoba vyarangiye.

Umuyobozi w’ishirahamwe rya REGIDESO Albert Manigomba yizaza abarundi ko inyuma y’indwi 3 umuyagankuba utazosubira gucikagurika kubera ibikorwa vy’ubuhinga biriko birabera ku gituro gishasha c’umuyagankuba kiriko kibera mu rubirizi kizoba caheze.

Ivyo bikorwa biriko biranagurwa bijanye no guhuza no gushira umuyagankuba uva mu ngomero za RUZIZI III, rwegura na Gahongore aho uca ushirwa mu muhora wa Kamanyola-Bujumbura

MANIGOMBA akizeza abarundi ko umuyagankuba uhari kandi mwinshi uretse ivyo bikorwa biriko biratunganywa ariko inyuma y’indwi 3 bizoba vyarangiye kandi icikagurika rizoba rirangiye.

ibi akaba yabishikirije kuri uyu wa 11 gitugutu 2025 inyuma yaho prezida Ndayishimiye agendeye ku gituro ca Rubirizi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments