UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi yarababajwe n’ivyashikiye umurwi wa Dynamo BBC

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’inkino Rémy Barampama amenyesha ko Leta y’uburundi yababajwe cane n’ivyashikiye umurwi wa Dynamo BBC,akamenyesha ko Leta y’uburundi iriko irakora uko ishoboye kwose kugira abakunzi b’uburukino rwa Basketball rutere imbere mu Burundi.N’inyuma yaho umurwi wa Dynamo Bbc utsindiwe impaga mu nkino zariko zibera muri Afrika y’epfo kubera yanse kwambara imyambaro yanditse visit Rwanda.


Kubw’amakuru dukesha imboneshakure TéLé renaissance,Rémy Barampama agira ati:«Leta y’uburundi muri rusangi hamwe n’ubushikiranganji bujejwe ivyo inkino twarababajwe cane na birya vyashikiye urya murwi Dynamo narirya ari umurwi wariko ukina kandi ukavyifatamwo neza ibendera ry’igihugu rikaduzwa,uburundi bukavurwa hirya no hino ku bijanye n’izo nkino.vyaratubabaje cane ntitwigeze na gato tuvyakirana n’umunezero icipfuzo cacu kwari uko abana b’abarundi izo nkino,iyo mirwi ya basketball yotera ija imbere kandi ryari irya mbere twari tukigera kuri rurya rugero.Rero vyukuri kabaye akababaro ndabibutse kandi yuko twakeje cane urya murwi mbere na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yarafashe akaryo aranakeza irya ntsinzi ya mbere yo murukino rya mbere.ibyabaye vyahuriranye n’ibihe tugezemwo aho imigenderanire y’urwanda n’uburundi bitifashe neza ariko ntibizobandanya uko kandi urwanda n’igihugu kibanyi rero ntazibana zidakomanya amahembe bizotora inyishu.rero turemesheje abankunzi b’inkino koi co kibazo turi kugikwirikirana.»

Umurwi wa Dynamo bbc waratsinzwe impaga igenekerezo rya 10 ntwarante mw’ihiganwa rya Ball ryariko ribera muri Afrika y’epfo kumvo z’uko abakinyi b’abarundi banse kwambara umwambaro uriko Logo ya visit Rwanda.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments