ACP Kuradupagase Augustin, azwi ku zina rya Jarudi, wahoze mu Ngabo za FAR za leta ya Habyarimana, ubu akaba ari muri Polisi y’u Rwanda, inyuma yo kwishikana Ku Ngabo za leta ya KAGAME, RDF , yavuze neza ukuntu igihe Inkotanyi zitsinze zigafata igihugu, ukuntu ingabo za leta ya Habyarimana zahunze bakaja muri Congo abandi mu mashamba y’uburundi.

Uyu mugabo yemanze imbere ya KAGAME ko ari mu bigishije abarwanyi ba CNDD muri 1995 kurwana. Ibijanye n’ubuhinga bwa gisirikare yongerako avuga ko bagira imyimenyerezo bagatera bakanasahura abantu abandi bakabica. Yemeje ko banateye i Teza bica abantu bariko bigisha umuhari CNDD wahavuye uvamwo umugambwe CNDD-FDD.
Umuntu avyumvise rero Hari aho agira ibibazo vyinshi ,vyukuri CNDD-FDD iyarakoranye nabasirikare Ba Habyarimana ?Kuki uwu muntu aje gushinga intahe uyu munsi ? Ntibahava bamwita igikoresho ca Leta y’Urwanda ngo bikunde biboneke ko CNDD-FDD kuva kera yanka abatutsi ? Kira noneho mu biganiro biriko biba hagaruka kuvugwa ico kibazo ca moko. Uko biri intambara y’amajambo yaratanguye hagati y’ibihugu bibiri igisigaye ni uwuzotambutsa iyindi . Igihari leta ya kigali n’iya Gitega Hari hageze ko batororera umuti ukutumvikana bafise





Recent Comments