Mutabikoze nzovyikorera » aya majambo Neva umunsi ayavuga twavyita kwiriza, burya usomye bukebuke Général Major Ndayimishimiye Evariste ariko yubaka intwaro yiwe bukebuke mw’ishusho ryiwe. Bimwe yavuga ko azovyifatira mu ntoke harya uravye ntayariko arahuguza.

Ng’uyo ubushikiranganji bw’Umutekano mu mateka abuhaye umugore ,bose ngo ntazobishobora. Ariko urya igikorwa ciwe ni iya bwana, izirya zose. Ni nk’umudoriya kugira ibikorwa vyose vya Gisirikare, amana yoboshaka kumutembagaza abe ayazi. Rero abagabo barahinduka ariko yategerezwa kuhashira uwatera igitsure akamubwira vyose.
Ejo azanye Procureur w’umugore, ico womenya co procureur nk’igihe Neva hogira abamukura uwumusohorera umutahe wogufatwa ni umushikiriza manza mukuru wa Repuburika, igihe Neva hoba igihangange ashaka kwikiza igihe afise ubudahangagwa bahejeje kubumukurako uwushirako intoke ni Procureur général de la République.
Gushiraho umushikiranganji nk’urya benshi bavuga ko atazobahangara. Ariko harya ni Neva nawe kugira akore atanzitizi amwemerera gukubura. Mubisanzwe naho ari umushikiranganji w’ubutungane atwara procureur ariko uyu yategerezwa kwigenga ariko birazwi ko procureur akura amategeko hejuru naho ni k’umushikiranganji no k’umukuru w’igihugu aha iwacu gato mu Mugambwe .
Kuzana umugore harya inguvu bazihaye umushikiranganji ariko nawe ahawe amategeko na shebuja aho si mu ma dossier y’amatongo twumvikane naho nayo atobura ariko aha ni mu ma dossier y’umukenyuro canke ya politike
Buca tuja mu mwaka ugoye, ica mbere co mu mpera canke mu ntango hazoba kunyinyana mu mugambwe batore umukuru w’umugambwe iki kibuyemwo haze ikibazo c’umu candidat . 2026 ni umwaka uwuzokwitambika imbere ya Neva azomwereka ko ari umukuru w’igihugu.
Harimwo umukenyuro woguha inguvu nkeya ibibanza bimwe bimwe vy’inkingi z’igihugu ariko bifise n’inguvu ziva kwa Neva. Ahandi naho mu matora abagore bazobabwira ko bahawe ijambo atawundi yari bwaribahe.
Politike ni nk’umukino w umupira aho umunyereza ashira mukibuga abemera gukina bakemera bagapfira mukibuga bakamwitangira gusumba abafise impano bakina ata discipline canke atashaka.
Burya abategetsi baraburiwe henshi cane Ubu ntawuzokwihenda aje inyuma yivyo ashaka azoba abonye ayo yesu yaboneye ku musaraba. Aba bantu rero bazokora mbere babishobore ko uwuhagirikiwe n’ingwe aravoma. Abategetsi ba CNDD FDD uwuzihenda ngo ni umu frondeur azoyabona muri 2026. Opposition yo barayihejeje ni CNDD FDD izotsinda kubice 99,9% .





Recent Comments