UBM News ads

RDC yagiranye amasezerano n’umurwi wa AC Milan wo mubutaliyano mu buryo bwo gukwega ingenzi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

RDC yagiraniye amasezerano n’umurwi wa AC Milan wo mubutaliyano mu buryo bwo gukwega ingenzi no kwamamaza kongo kucivugo”Muze muri RDC,Umutima wa Afrika”.

Muri aya masezerano kongo izohora iriha umurwi wa AC MILAN imiriyoni zirenga 5 z’ama heuro.

Kuwa 20 nyakanga 2024 leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo yaragiraniye amasezerano n’umurwi wa AC MILAN mubutaliyano y’imyaka 3 kugira muntumbero yuko RDC ironka ingenzi nyishi zinjira muri kongo.

Naho Leta ya kongo itashimye kuvuga neza igitigiri c’amafranga izoriha umurwi wa AC MILAN,ariko uwurongoye ikigo fondateur de Obserbatoire du sport business Vincent Chaudel yemeza ko amafranga kongo izoriha ari hagati y’imiliyoni 5-6 z’ama heuro.

Ivyerekeye ayo masezerano vyaganiriweko mu rugendo umushikiranganji wa RDC ajejwe ingenzi DIDIEUR M’PAMBIA yakoze mubutaliyano muri Ruheshi uyu mwaka.

Bamwe baremeza ko kongo yoba yashatse kwigana urwanda rusanzwe rushikgikiye imirwi ikomeye nka ARSENAL NA PARIS SAINT GERMAIN mu kwamamaza urwanda,ariko kongo intambwe ikaba ikiri kure kuko iki gihugu gisanzwe kirangwamo intambara kurugero runini.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments