Léonard Nyangoma yemeza ko mu ntara yose ya Bujumbura hibonekeza ubwoba budasanzwe kubera intambara ziri muri kongo zishobora gutandukira uburundi.
Kubwa Nyangoma,Leta y’uburundi isabwa gukurayo ingabo zababa ibihumbi 20 ziri muri kongo bitagenze uko iyo ntambara izofata akarere kose.

Umukuru w’umugambwe CNDD Léonard Nyangoma inyuma y’agacerere kenshi amazemwo igihe yavuye mu gacerere agira ico avuga ku ntambara iri mu buseruko bwa Kongo.
Kubwo amajwi dukesha radio publique Africaine,Léonard Nyangoma avuga ko Imbere yuko leta Y’uburundi irungika ingabo muri kongo yategerezwa kumenyesha abarundi bigaca mu nama nshingamateka igasigura impamvu ifadika itumye irungika abasirikare b’uburundi kurwanira ikindi gihugu nkuko bigenda ahandi hose.
Nyangoma akavuga ko ubu abarundi batekewe n’ubwoba bwinshi cane cane ababa mu ntara ya Bujumbura bivuye ku ntambara ziri muri kongo zoshobora gutandukira uburundi.
Umuti rero wihutirwa nkuko bishikirizwa na Léonard Nyangoma,nuko leta y’uburundi yotahukana ingabo zayo zababa ibihumbi 20 ziri muri kongo bitangenze uko intamabara iri muri kongo ishobora gutandukira akarere kose.
Leta y’uburundi ifise ingabo zababa ibihumbi 20 zarungitswe muri kongo gufasha ingabo za FARDC kurwanya umuhari m23 usanzwe urwanira mu buseruko bwa Kongo mbere ukaba umaze gufata ibice vyinshi vy’igihugu.





Recent Comments