Umukuru w’Igihugu yavuze ko Reta yemeye gutanga imiriyoni 500 z’amafaranga y’amarundi ku muntu wese azofata uwuturira amasoko canke uwateje umuriro.
Ivyo yabimenyesheje kuri uyu wa 27 Myandagaro 2026, mu masengesho yo gusozera ukwezi yatunganijwe n’umugambwe -.

Yagize ati: “Muri Reta twemeye ko umuntu azodufatira umuntu aturiye canke uwateje umuriro, tuzomuhemba imiriyoni 500. Tuzomuhemba uwuzomufata, ariko ntihazogire uwubeshera umuntu, kuko tuzobanza kuraba ko ari vyo.”
Umukuru w’Igihugu yavuze kandi ko aboteza nkana inkongi z’umuriro bashobora gufatwa nk’abarwanyi b’iterabwoba (terroristes), kuko ivyaha vy’iterabwoba bifise ibihano bikomeye.





Recent Comments