Uwahora arongoye ikigo OBR yashinzwe ayandi mabanga

0

Domitien NDIHOKUBWAYO yahora ari umuyobozi mukuru w’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta yagizwe umushikiranganji w’ikigega ca Reta y’Uburundi, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/107 ryo kuwa 18 Rusama 2016.

komis

Uwo yahora arongoye OBR afashe ikibanza muri Reta ya Petero NKURUNZIZA cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka kugenwa kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale).

Bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aca agena uwundi asubirira Domitien NDIHOKUBWAYO mu burongozi bwa OBR (Office burundais des Recettes). Amakuru dukura mu begereye umukuru w’igihugu, n’uko Gabriel NTISEZERANA yahora ari umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, kuri Reta ya kabiri y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.