UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Urwanda rubandanya kwagirizwa n’igihugu c’uburundi gushigikira imihari y’iterabwoba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c’urwanda kibandanya kwagirizwa gushigikira imihari y’iterabwoba iza kudurumbanya umutekano mu Burundi aho abagize iyo mirwi bakorera imyimenyerezo mugihugu c’urwanda bagaca binjizwa mu muhari Red-Tabara nawo nyene Leta y’uburundi ivuga ko ishigikiwe n’igihugu c’urwanda.ibi vyaraye bishikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkwirikiye inyuma y’ibisasu ntezwantoki vyatewe mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu Ngangara.


Kw’igenekerezi rya 10 rusama mu masaha ya sa moya na nusu(19h30min)harabaye ibitero vy’ama grenade ku bituro vy’ama bisi yunguruza abantu aja mu gasenyi aho abantu benshi bari batonze barindiriye imodoka narirya kuronka imodoka ubu bisigaye ari ikibazo kubera ikena ry’igitoro,abantu bamaze kumva ibiturika barashwiragiye birukanga igipolisi naco kirasa hejuru kugira abanyagihugu bave ahabereye ico gitero.muri uwo mwanya nyene ikindi gisasu ntezwantoki caratewe muri zone ya ngangagara nkuko bishikirizwa na Petero Nkwirikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano mu kiganiro yaraye aremesheje ku bamenyeshamakuru.

Nkuko vyashikirijwe na petero Nkwirikiye,abantu 38 barakomeretse cane hamwe n’abandi 5 baremvye cane.mbere yaragarutse no kubindi bitero bimaze imisi vyibonekeza kuvyuma vy’umuyagankuba wa Regideso ko bose ababikoze ari umurwi w’iterabwoba w’abantu 6 kandi ko bose bamaze gufatwa.

Muri ivyo bitero vyose igihugu c’urwanda kiri inyuma y’ivyo bitero kuko ababikora ngo bashigikirwa bagahabwa imyimenyerezo n’igihugu c’urwanda hama bakinjizwa mu muhari Red-Tabara nawo nyene Leta y’uburundi yagiye imenyesha ko ufashwa n’urwanda mu guhungabanya umutekano mu Burundi nkuko vyaraye bishikirijwe na Petero Nkwirikiye.Muri ivyo bitero haravuzwemo izina rya Pacifique Nininahazwe kuba akorana n’iyo mirwi y’iterabwoba kuko abafashwe ngo basanzemwo ubutumwa bwa Pacifique Nininahazwe.

Leta y’uburundi yakomeje kwagiriza urwanda gushigikira imihari y’iterabwoba yama iza kudurumbanya umutekano mu Burundi harimwo Red-Tabara.Leta y’uburundi yahavuye ipfunga imipaka bihana n’igihugu c’urwanda gushika uyu musi irugaye.ikizohuza ibi bihugu vyahoze ari akadasohoka,bavuga ururimi rumwe kandi basangiye kahise;n’ibiganiro gusa nivyo bizotuma ibi bihugu vyompi bisubira kunywana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments