UBM News ads

Tshisekedi nasenye FDLR nimba ashaka amahoro-Olivier Nduhungirehe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda ntitevye gusubiza Tshisekedi:”Nimba Tshisekedi ashaka amahoro nasenye umuhari w’inkorabara FDLR awirukane mu ngabo ziwe nkuko amasezerano ya Washington abivuga”,bivurwa na Olivier Nduhungirehe ajejwe imigenderanire y’urwanda.

Ivyo Tshisekedi yasavye paul kagame bikaba biranse,Kagame amutegeye kuri FDLR.


umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe akimara kumva amajambo Prezida Tshisekedi yashikirije mu nama ya Gateway forum i Bruxelles mu bubiligi yamenyesheje ko nimba koko Tshisekedi ashaka ko intureka zihera muri kongo ategerezwa:

Gusenya umuhari w’inkorabara FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda,awirukane mu ngabo za Kongo,nkuko amasezerano ya Washington abivuga;

Kwanka ibirwanisho,Guhagarika gushigikira umuhari wazalendo wenyene yatanguje,awuha uburyo n’ibirwanisho uyu musi usigaye uvuga imvugo z’urwanko no guhama abatutsi b’abakongomani.

Mu nama ya Gateway forum prezida Tshisekedi yari yasavye Paul Kagame amanitse ibiganza amusaba ko bogiriranira amahoro bonyene kugira intambara ziri muri kongo zihagarare.

Leta y’urwanda yagumye ishimikiye kuciyumviro co gusenya umuhari FDLR kugira haboneka amahoro.

ariko kandi bigiye bikiriko kuko Tshisekedi ntashaka kuvugana n’umuhari m23 ngo bicarane ku meza y’ibihaniro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments