UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CNIDH wataje ikibanza wahoramwo ugasubira kuri statut b kubera kwitwara nabi-Armel Niyongere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe ACAT-Burundi barashima ko umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi “CNIDH”waraye utakaje ikibanza c’iteka wahorana ugashirwa kuri “statut B” ikibanza Atari ciza kuko ata jambo CNIDH uzosubira guhabwa mu manama y’agateka ka zina muntu,Armel Niyongere arongoye ACAT-Burundi akavuga ko vyatumwe nuko CNIDH wirengagiza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa mu Burundi.

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH wahorana ikibanza c’iteka bita statut A guhera muri guhera muri 2021 inyuma yuko wari warongeye gutakaza ico kibanza muri 2018.Mu gihe babasubiza kuri statut A muri 2021 bibaza ko hari akarusho kumbure CNIDH uzogira ariko rero baraye bawusubije mu kibanza ca statut B.

Armel Niyongere arongoye Acat-Burundi avuga ko umurwi CNIDH waraye utakaje ikibanza kubera wirengagiza cane ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikorwa mu Burundi.agira ati:« Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH watakaje ikibanza wahorana c’iteka bita statut A guhera muri 2021.Igihe bayisubiza muri ico kibanza c’iteka amashirahamwe yigenga ajejwe guharanira agateka ka zina muntu twariyamirije iyo ngingo kuko ata kintu na kimwe cerekana ko CNIDH wateye intambwe mu vyerekeye iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi kuko uyo murwi mu maraporo wama utanga ntiwigera utanga ibitigiri vyo vyerekeye ihohoterwa n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu canke bakerekana ko ata hohoterwa ry’agateka ka zina muntu ryabaye mu Burundi kandi amashirahamwe yigenga y’agateka ka zina muntu yirirwa arasohora ivyegeranyo ibitigiri vy’umurengera vy’abahohotewe ntihagire amatohoza akorwa.»

Gutakaza ikibanza ca “statut A” n’ikintu Atari ciza kuko iyo habaye amanama y’agateka ka zina muntu I Genève,CNIDH nta jambo uzosubira guhabwa mu Manama y’agateka ka zina muntu mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments