UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’urwanda isaba Leta y’uburundi gutorera inyishu ibibazo bibahanze hakuvyegeka kurwanda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda irahakana ko ata ruhara ifise mw’iterwa ry’ibisasu ntezwantoki rimaze imisi riba mu gisagara ca Bujumbura,igasaba Leta y’uburundi gutorera inyishu ibibazo bibahanze ha kuvyegeka kurwanda kuko urwanda ata bibazo bafitaniye n’uburundi.Ibi biri mw’itangazo Leta y’urwanda yasohoye kuri uyu musi w’Imana igenekerezo rya 12 rusama 2024


Mw’itangazo Leta y’urwanda yaraye isohoye kuri uyu w’Imana twaraye turangije,Leta y’urwanda ivuga iti:«Biraboneka ko hari ibintu ibitagenda neza muri Leta y’uburundi kubona yagiriza urwanda ibijanye n’ibitero vy’ibisasu ntezwantoki bimaze imisi vyibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kuko urwanda nta ruhara rubifisemwo kandi nta mvo yotuma rubijamwo.uburundi bufise ingorane n’igihugu c’urwanda ariko urwanda nta ngorane rufise n’uburundi.Duhamagarira uburundi gutorera inyishu ibibazo bibahanze hakuvyegeka ku Rwanda.»

Igenekerezo rya 11 rusama 2024 umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkwirikiye yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru inyuma y’ibitero vy’ibisasu ntezwantoki vyabaye mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 10 rusama 2024 mu gisagara ca Bujumbura neza na neza ku gituro c’imodoka zunguruza abantu za Gasenyi hama ikindi gisasu kikaba caratewe muri zone ya ngangara.

Muri ico kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano Pierre Nkwirikiye akaba yaragirije igihugu c’urwanda hamwe n’umuhari Red-Tabara Leta y’uburundi ivuga ko ucumbikiwe n’igihugu c’urwanda kuba aribo bamaze imisi badurumbanya umutekano mu gutera ama grenade mu gisagara ca Bujumbura cane cane ku vyuma vy’umuyagankuba wa regideso.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments