Amb.Isidore Mbayahaga yemeza ko imbibe zose z’uburundi ziunzwe n’ama drone ariko caméra kuburyo n’umuserebanyi winjiye uvuye hanze canke usohotse igihugu baba bawubonye!
Kubwa Mbayahaga,urwanda ntirwotera uburundi rudashaka kwiyahura.

Amb.Isidore Mbayahaga aremeza ko uburundi bucunzwe cane kuburyo n’umuserebanyi uvuye mu kindi gihigu winjiye mu burundi canke ugasohoka igihugu baba bawubonye.
Agira ati:”igihugu cose cuzuyemwo za drone ziriko ama caméra”.
Mbayahaga yemeza ko urwanda gutera uburundi bitokunda kiretse bashaka kwiyahura kuko baciye hasi ntibikunda,baciye hejuru ntibikunda.
Ariko avuga ko bashobora gutera igihugu binjiriye ahandi kugira leta igarukane abasirikare bari kongo ariko naho nyene ntivyokunda kuko uburundi bufise ingabo nyishi cane.
Kukibazo c’umusirikare w’urwanda aherutse gufatirwa kubutaka bw’uburundi,Mbayahaga avuga ko bishoboka ko yoba yari yaje kuraba uko imbibe zicunzwe.aha akaba yemeza mbere ko yinjiye bamubona.
Kukibazo ca Rabin aherutse gufatwa avuye mu rwanda,mbayahaga aribaza impamvu urwanda rwama rwiyemeza ngo ruratera ntiruterwa ariko bakarusanga rusinziriye mpaka Rabin bakamuza.
Ibi bishikirizwa na Ambassadeur Isidore Mbayahaga mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru Gaële arongoye imboneshakure ‘Umukubito tv’.





Recent Comments