Leta y’uburundi ikomeje gusaba ONU kwemeza ihonyabwoko ryakorewe abahutu 1972.
Mu nama ya ONU,umushikiranganji Bizimana Edouard ajejwe imigenderanire y’uburundi yasavye ibihigu bigenzi vy’uburundi kubushigikira mu kwemeza ko abahutu bakorewe ihonyabwako 1972.

Mu nama nkuru ya ONU igira iya 80,uburundi bwari buhagarariwe n’umushikiranganji Buzimana Édouard ajejwe imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu aho muvyo yashikirije harimwo nuko ONU yokwemera ihonyabwoko ryakorewe abahutu 1972.
Bizimana Edouard akaba asaba mbere n’ibihugu bigenzi vy’uburundi kubushigikira kuhira bikunde ONU yemeze ihonyabwoko ryakorewe abahutu 1972 kugira haboneke amahoro ashingiye ku kuri,ubutungane no kwibuka abahitanywe n’ayo magume uburundi bwaciyemwo.
Leta y’uburundi ikaba imenyesha ko ishigikiye utwigoro twose twa ONU mu gusaba ko intambara ziri hirya no hino kw’isi(RDC,Ukraine,Gaza)zihagarara
Uyu mushikiranganji w’uburundi yaranginje Amenyesha uburundi bwashizeho imbonakazoza igana igihugu cifashe 2040,igihugu giteye imbere 2060.





Recent Comments