Abagize CNARED babwiye umuhuza ko batazokwitaba ibiganiro

0

Ibiganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe ko bizotangura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 21 gushika kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2016 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ariko urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi rukaba rumenyesha ko rutatumiwe n’umuhuza Benjamin William Mkapa azoba ahagarariye ivyo biganiro.

Muri CNARED bamenyesha ko bari babwiwe ko ubwa mbere, kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2016, umuhuza azobanza kugiranira imibonano n’ubutegetsi hamwe n’ababushigikiye, ubugira kabiri abonane n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu nyuma abonane n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Nk’uko bivugwa na Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED, bari babwiwe ko iyo mibonano y’ibanze izoba umwe wose ukwawo, mu nyuma baje hamwe mu biganiro bihuza bose.

Nk’uko CIMPAYE PANCRACE abandanya abishikiriza, muri CNARED batangajwe n’ukubona umuhuza yatumiye Reta y’Uburundi hamwe n’abakuru b’imigambwe igize CNARED umwe wese ku gatwe kiwe, kandi bari basavye ko abagize urwo runani botumirwa nka CNARED.
Uwo avugira urwo runani amenyesha ko imigambwe igize CNARED yamaze kwandikira umuhuza Benjamin William Mkapa imumenyesha ko i Arusha mu biganiro.

cim

CNARED yasavye mbere umuhuza ko n’imihari yafashe ibirwanisho yotumirwa muri ivyo biganiro, muri urwo runani bakavuga ko hazoyaga impande zibiri, ni ukuvuga uruhande rwa Petero Nkurunziza n’abamushikigiye, hamwe n’uruhande rw’abadashigikiye ihonyangwa ry’Amasezerano y’i Arusha, aribo bahurikiye mu nama nkuru y’Igihugu CNARED, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

Reta y’Uburundi nayo ibandanya kumenyesha ko itazokwigera iganira n’abahungabanya umutekano mu Burundi, canke abagize uruhara mw’igeragezwa ry’ugushaka guhirika ubutegetsi ryabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015. Ubutegetsi bw’i Bujumbura bukaba ahubwo bubandanya gusaba ko ibihugu abo bantu bahungiyemwo vyobata muri yompi, bagashikirizwa ubutungane.

N’aho abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bavuga ko bazokwitaba isango ryo kuwa 21 Rusama 2016, Reta y’Uburundi ivuga ko izokwitaba. Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi izokwisunga ikibazo c’ingene amahoro n’iterambere vyogaruka mu Burundi.