Muramvya : Umugabo yagandaguye se hamwe na Muka se

0

Umugabo azwi kw’izina rya Emmanuel NDAYISABA aba muri komine Mbuye, intara ya Muramvya, yagandaguye se wiwe hamwe na Muka se akoresheje amasuka yabasanganye aho bariko bararima mu ndimo. Ubwo bwicanyi bwabaye kuri uwu wa kabiri, abajejwe intwaro aho muri komine Mbuye bakavuga ko bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo. Uwo yakoze iryo bara ari mu minwe y’inyamiramabi.

muramu

Abo bagandaguwe ni SINZOBATOHANA na NAHISHAKIYE Vareriya nibo baraye bagandaguwe bunyamaswa, uwo yabishe akaba yabasanze aho bariko bararima aca abicisha umwe wese isuka yari afise. Musitanteri wa Komine Mbuye avuga ko uwo mugabo yishe bari bamaze iminsi batumvikana. Yahora yagiriza se ko atamwemera nk’umwana yavyaye, mbere akamwagiriza ko ataramuha itongo.

Musitanteri wa Komine Mbuye avuga ko uwo muhungu na se bari basanzwe bafitaniye urubanza rw’itongo mu butungane. Emmanuel NDAYISABA yagirizwa ubwo bwicanyi ari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.