Umwe mu ndongozi wa MSD apfungiwe mw’igendereza

0

Egide Niyubahwe asanzwe ari mu ndongozi z’umugambwe MSD muri zone ya Nyakabiga, yafatiwe aho mu Nyakabiga nyene haraheze indwi. Apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura, aho umuryango wiwe utaremererwa kuja kumuraba.

N’abaharanira agateka ka zina muntu bashatse gukurikirana ikibazo c’uwo munywanyi wa MSD akaba n’umwe mu ndongozi z’uwo mugambwe, barankiwe kubonana nawe, inyamiramabi ifise dosiye yiwe ikaba yasiguye ko hakiri kare.

Amakenga n’ubwoba ni vyinshi ku muryango wa Egide Niyubahwe utinya ko ashobora kugandagurwa canke akagirirwa nabi, nk’uko bisanzwe vy’ibonekeza,aho umuntu afatwa, mu nyuma agatorwa ikiziga kandi yari mu minwe y’abajejwe umutekano.

niyue

Egide Niyubahwe azwi nk’umwe mu bagendera imbere mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, akaba mbere yarigeze n’ukuraswa Imana irakinga ntiyapfa, amasasu amukomeretsa ku maguru. N’umuhana wiwe wari umaze gusakwa kenshi, ariko ntihagire ikintu na kimwe kihatorwa.