Thity Love agarutse n’inguvu nyinshi mu muziki ndundi

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Tity Love aje atavyorosha mu muziki ndundi aho atuzaniye indirimbo iryoshe cane,indirimbo igiye kubica bigacika mu muziki ndundi,indirimbo yitwa ”Ndi trop top”

Abicishije rero ku rubuga rwiwe ngurukanabumenyi rwa facebook,Tity love akaba yamenyesheje ko aherutse gushira ahabona indirimbo yitwa ”Ndi trop top ”kandi ko yizeye ko iyo ndirimbo igiye gukundwa cane kuko yayitondeye cane mu kuyisohora
thity love

Ku batamuzi thity love n’umuririmvyikazi w’umurundi amaze kwiyubakira izina mu muziki ndundi,akaba asanzwe kandi ari umutambukanyi w’umuririmvyi Kook-k

Tworangiza tubamenyeshako iyo ndirimbo ”Ndi trop top ”ya thity love yayikorewe n’umuhinyanyuzi Kolly the magic