Kent-P yagarutse mu gihugu ciwe

0

Umuhinyanyuzi w’umurundi asanzwe akora amasanamu ariwe kent p yagarutse mu gihugu ciwe c’amavukiro nyuma yaho yaramaze ikiringo c’ukwezi atari mu burundi,
Kent p rero akaba yari yafashe urugendo yerekeza mu gihugu c’urwanda aho ndetse yanakubitiye mu gihugu c’ubuganda aho yari yagiye ajanye n’umuririmvyi sat-b bagiye gukora amasanamu y’indirimbo ”African girl” yuyo muririmvyi,umwanditsi wa ”satura am bafle”
kent p
Kent-p akaba yagarutse mu gihugu ciwe biboneka aryohewe cane kubona agarutse kandi mu gihugu ciwe c’uburundi nyuma y’ukwezi kwose ataboneka hano
Tworangiza tubamenyesha ko kent-p amaze gukora amasanamu y’indirimbo nyinshi z’abarundi harimwo ”Satura ama bafle”