Umwaka uraheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe

0

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, niho umwaka umwe warumanye neza Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza mu Burundi yitavye Imana ahitanwe n’igitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled. N’aho umukuru w’igihugu yari yatanze indwi imwe gusa kugira abamugandaguye babe bamenyekanye, gushika n’ubu ubutungane buracakora amatohoza ku bantu umunani bafashwe, kandi bapfunzwe bagirizwa ico caha.

voit

Amakuru y’igandagurwa rya Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yatanguye kuvugwa ku mbuga ngurukanabumenyi mu gatondo ko ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, ayo makuru akaba yagiye kwemezwa na Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, aho yandika ku muhora wiwe wa Twitter ko ahejeje kubura umuvukanyi.

plus

Kuri uwo munsi nyene, inyuma y’amasaha make Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaciye asohora itangazo yasomeye ku mboneshakure y’igihugu (RTNB (Radio Television Nationale du Burundi), aho yasavye Imana ko yoja imbere abakora amatohoza, kugira abakoze ubwo bwicanyi batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : “Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.”

geme

Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu gitondo co kuri uwo munsi w’Imana, ariho Intwazangabo Lieutenant Général Adolphe Nshimirimana yahitanwa n’ibisasu vy’abicanyi. Yagize ati : “Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare n’iz‘igipolisi bari basanzwe bakorana bafatanye mu nda hamwe nabo bahora bakorana mu biro vy’Umukuru w’igihugu. Uburundi burabuze umugabo w’ijunja n’ijambo kuko Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana yari intwari koko. Yaritanze bidasanzwe mu gukora atiziganya kugira hatebe hashingwe inzego z’umutekano zihurikiyemwo abarundi bose Uburundi bufise uno musi. Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.”

nkur

Petero NKURUNZIZA yasavye umuntu wese akunda Lieutenant Generali Adolphe Nshimirimana ko yokwigenza nkawe, agendere ubuntu, urukundo n’ubumwe yirinde ishavu n’ihorihori, kuko Abarundi barayamaze ngo : “Ihorihori rihonya Umuryango”, kandi ngo : “ishavu rigira ngo ica uwawe nkureke”.

Abarundi aho bari hose mu mitumba no mu makaratiye yabasavye gutekana no kubandanya bafatana mu nda, inzego z’umutekano nazo zisabwa gukoresha ubwenge, ubuhinga n’ubutwari bafise, kugira ikiringo yari atanze c’iyinga rimwe ntikirangire abo bicanyi bamugandaguye batarafatwa.

fune

Inyuma y’indwi imwe gusa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, umushikirizamanza kizigenza wa Republika Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko abakoze ico gitero cahitanye iyo ntwazangabo kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, mu Kamenge, bamaze kumenyekana.

Mw’itangazo yashikirije, Valentin Bagorikunda yavuze ko abamugandaguye bamaze gufatwa, ariko ko ababatumye bakiriko bararonderwa.

Muri iryo tangazo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko imodoka yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi yavuye mw’ikambi y’abasirikare yo mu Ngagara, ariko ko bahejeje kuyikoresha muri ubwo bwicanyi baciye baja kuyituririra ku Musaga.

Umwaka wose uheze ubutungane bw’Uburundi butarashobora kwerekana abamugandaguye, ababatumye, hamwe n’uruhara rw’umwe wese.

rail