Ruziba : Abantu babiri bakomerekejwe na Gerenade yatewe

0

Abantu bataramenyekana bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere gerenade mu bunywero buri muri karitiye ya Ruziba, muri zone ya Kanyosha. Iyo gerenade yakomerekeje abantu babiri.

Hari nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, aho iyo gerenade yaterwa hafi y’ishure ritoya rya Ruziba, mu gisagara ca Bujumbura.
Iyo gerenade yakomerekeje abantu babiri bari muri ubwo bunywero yatawemwo.

Ubwo bunywero bwo mu Ruziba butewe inyuma y’aho igiporisi c’Uburundi gifatiye kuri uwu w’Imana amasasu amajana umunani y’inkoho Kalashnikov n’inkoho Mi-KV.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ayo masasu yafatiwe mu mwonga uri hafi y’ibitaro BUMEREC biri mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Rohero.

Ayo masasu yari kumwe n’ibindi bihimba (Pièces) vy’inkoho Mi-KV vyari bitekeye mu mufuko, nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’igiporisi.