Abaporisi b’Abarundi bahora Centrafrika batahutse ubutagisubirayo

0

Abaporisi b’Abarundi baharurwa mu 280 bahora kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika batahutse mu Burundi kuri uwu wa mbere, kiretse bake bagisigaye bacunze ibikoresho vy’igiporisi bikiri muri ico gihugu. Bitegekanijwe ko n’abo nyene bazotahukanwa, ONU ikaba yafashe ingingo ko abo baporisi b’Abarundi batazosubirizwa.

Impamvu yatumye ishirahamwe mpuzamakungu ONU rihagarika gusubira gukorana n’abaporisi b’Abarundi akaba ari uko bagirizwa amabi ajanye n’uguhohotera agateka ka zina muntu bakoze mu Burundi, imbere y’uko barungikwa muri Centrafrika.

dodo

Abo baporisi bari bagiye muri Centrafrika kw’igenekerezo rya 15 Nyakanga 2014 mu kiringo c’umwaka congewe rimwe gusa. Ico kiringo caheze baratahuka, ariko hakaba hatazorungikwa abandi babasubirira.

Kuri iyo ngingo ya ONU, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko ivyo bitobazwa igiporisi. Mu gihe bitegekanijwe ko abo baporisi b’Abarundi batazosubira muri ivyo bikorwa vy’uguhagararira amahoro muri Cenfrafrika, OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko bazoguma biteguye, kugira amashirahamwe mpuzamakungu yari yabasavye niyasubira kubakenera azobaronke bitagoranye.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, harimwo na FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) rirongowe na Pacifique NININAHAZWE, yari yasavye ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryokora amatohoza ku mabi abaporisi b’Abarundi bari Centrafrika bagirizwa ko bakoreye mu Burundi, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Ishirahamwe FOCODE ryari ryagirije ubutegetsi bw’i Bujumbura ko bwarungitse aho muri Centrafrika abaporisi bagirizwa ayo mabi, iryo shirahamwe rikavuga ko kwabaye nk’ugushimira abahohoteye abanyagihugu.

gogoe

Abo baporisi b’Abarundi batahutse ubutagisubirayo mu gihe ishirahamwe mpuzamkungu ONU riheruka kwemeza ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.

Abo baporisi mpuzamakungu bazorungikwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose, bakazoba bafise ikiringo c’umwaka umwe, ariko gishobora kwongererzwa mu gihe umutekano wobandanya gutituka. Bazokora n’abarorerezi mpuzamakungu basanzwe bari mu Burundi, hamwe n’abasirikare b’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi.