Umusirikare w’umurundi yagirijwe gushurashuza umwana ku nguvu muri Centrafrique

0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko hari abandi basirikare babiri bo mu nteko zaryo ziri muri Centrafrika bagirijwe ugushurashuza abagore ku nguvu. Muri abo basirikare babiri, umwe ni umurundi.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yamenyesheje ko muri abo basirikare harimwo umurundi yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka 14 hamwe n’umusirikare w’igihugu ca Maroc yagirizwa gufata ku nguvu umugore.

swe

Stephane Dujarric amenyesha ko abo basirikare babiri baje biyongera ku gitigiri ca 25 bamaze kwagirizwa iyo ngeso muri Republika ya Centrafrika kuva umwaka w’2016 utanguye.

Uwo muvugizi yamenyesheje ko ibihugu vy’Uburundi na Maroc abo basirikare baturukamwo bimaze kumenyeshwa ivyo birego, ko igihugu cose gishobora kwigirira amatohozwa ku ruhande rwaco canke kikareka ONU ikaba ariyo ikora ayo matohoza.

Umunyamanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon yaheruka kumenyesha ko ashobora gufata ingingo yo kwirukana mu butumwa bw’ukugarukana amahoro abasirikare bose n’ibihugu bakomokamwo mu gihe vyogaragara ko aribo baregwa cane muri ivyo vyaha vy’ugushurashuza abakobwa n’abagore ku nguvu.