Rumonge : Umwe mu banyagihugu bishikanye yagandaguwe

0

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, umwe mu banyagihugu batatu bari bishikanye ku nzego z’umutekano biyemerera ko bahora mu mirwi irwana yaragandaguwe mu ntara ya Rumonge. Buramatari w’intara ya Rumonge Juvenal BIGIRIMANA asaba abanyagihugu gufasha gucungera umutekano w’abishikanye ku nzego z’umutekano bavuga ko bahora mu mirwi irwana.

Mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, umwe muri batatu bari bishikanye yaragandaguwe aho mu ntara ya Rumonge, inyuma y’aho ku munsi wa gatandatu, muri komine ya Burambi, Buramatari w’intara ya Rumonge ari kumwe n’umuyobozi mukuru w’igiporisi mu Burundi, bagirishije inama babwira abanyagihugu ko abazokwishikana bahora mu mirwi irwana ataco bazobagira. Kuri uwu wa mbere batatu ba mbere barishikanye, ariko ata n’umunsi umwe urahera, umwe muribo aragandagurwa n’abantu bamutegereye avuye mu bunywero bamurasa amasasu abiri aca aritaba Imana.

uwawe

Buramatari w’intara ya Rumonge Juvenal BIGIRIMANA yagiriza abahorana n’uwo yishwe mu mirwi irwana ko aribo bamwishe kugira ntazovuge amabanga yabo, akavuga ko ari ugushaka gucapfuza abajejwe umutekano, mu kwerekana ko uwishikanye aca yicwa n’abajejwe umutekano.

Uwo aramutswa intara ya Rumonge asaba abajejwe intwaro hamwe n’abanyagihugu bose ko bokorana n’abajejwe umutekano mu gucungera ubuzima bw’abanyagihugu bishikana.