Umusirikare ari mubacungera Petero NKURUNZIZA yahitanwe n’amasasu

0

Umutekano warahungabanye kuri uwu w’Imana, igenekerezo rya 19 Ruheshi 2016 nk’igihe c’isaha zitanu z’agatondo mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, aho umusirikare w’igihugu c’Uburundi, Caporal NIYUNGEKO, ibiharuro vy’akazi 44130 yarashe amasasu menshi aho mu biro vy’umukuru w’igihugu c’uburundi i Bujumbura. Ayo masasu yaramuhitanye yongera akomeretsa uwundi musirikare azwi kw’izina rya Caporal MINANI.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko bigoye kumenya namba uwo musirikare yirashe kubw’isanganya canke yoba yagomvye kwiyahura.

tude

Colonel BARATUZA ati : “Kubera yaciye yitaba Imana, ntawaronse akanya ko kumubaza namba ryoba ari isanganya ryamushikiye. Nta rwandiko na rumwe yasize, ariko amatohoza yatanguye kugira tumenye icamwishe.”

Mu gihe hari abavuga ko yarashe muri bagenzi we nabo baca baramwica bamurashe, Colonel Gaspard BARATUZA arabihakana, akavuga ko Caporal NIYUNGEKO yahitanwe n’amasasu yirashe wenyene.