Petero NKURUNZIZA ntarashobora kuba umukuru wa CNDD FDD

0

Abagumyabanga ba CNDD FDD bari mw’ikoraniro Kaminuza ry’uwo mugambwe batashe ataco bashitseko mu bijanye n’ugusubiriza Pascal NYABENDA mu kibanza c’umukuru w’uwo mugambwe.

Uwo arongoye uwo mugambwe uri ku butegets,i mu Burundi, CNDD-FDD, ntiyahavuye asubirizwa mu burongonzi bw’uwo mugambwe. Amatora y’ugushiraho inzego nshasha za CNDD FDD yashizwe mu kiringo c’amezi abiri nk’uko bimenyeshwa n’abari muri iryo Koraniro.

mz

Ico kiringo catanzwe kugira bahe umwanya umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wo kwemeza amategeko mashasha agenga uwo mugambwe yashizweho muri iryo koraniro. Amwe muri ayo mategeko mashasha akaba ari ukwemeza ko uwo mugambwe utwarwa n’umunyamabanga mukuru, uwo nawe akaba ari umukuru w’inararibonye z’uwo mugambwe. Muri ico kiringo, umuboyozi wa CNDD-FDD Yongewe amezi abiri y’ukurongora uwo mugambwe.

Uwo mugambwe ushaka kandi gukuraho ubwinshi bw’abantu bafata ingingo zikomeye. Tubamenyeshe ko hashizweho umurwi w’abantu bagiye gutegura mu kiringo c’ukwezi kumwe amatora y’ibisikanya z’indongozi za CNDD FDD mu gihugu cose, kuva ku nzego z’ibanze gushika hejuru.

tus

Inzengo nshasha zisunze amategeko yahinyanyuwe zizoshigwaho mu mezi abiri ari imbere.